Imvo n'Imvano kw'ihindagurika ry'ikirere n'ingaruka ririko rigira ku Burundi no mu karere (igice ca 2)
Ndabaramukije nongera ndabaha n’ikaze muri iki kiganiro c’Imvo n’Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 11 ukwezi kwa gatanu mu 2024.
Mu mvo n’Imvano y’uyu musi tubashikiriza igice kigira kabiri ku kibazo c’ihindagurika ry’ibihe n’ingaruka kiriko kiratera mu Burundi hamwe no mu karere.
Gushika ubu, mu Burundi, abamaze guhitanwa n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe bababa 30, mu gihe abamaze guta izabo barenga 100.000, amazu arenga 20.0000 n’amashure 209 na vyo akaba ari vyo bimaze gusambuka.
Ariko mu karere, Kenya ni co gihugu kibangamiwe cane n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe. Abantu barenga 230 baramaze gupfa, abandi barenga ibihumbi 240 na bo bata izabo.
Mu gice ca mbere twabashikirije mu ndwi iheze, twihweje uko ibintu vyifashe mu Burundi, ico vyavuyeko na zimwe mu ngingo ziriko zirafatwa na reta mu gutabara abanyagihugu basinzikajwe n’ingaruka z’ihindagurika ry’ibihe.
Imwe muri izo ngingo, n’ukwimura abantu bose bahora baba muri zone Gatumba, muri komine Mutimbuzi iri mu ntara ya Bujumbura, akarere kasinzikaye cane.
Muri iki gice kigira kabiri, tubandanya kwumviriza izindi nyishu zishoboka zitangwa na Jenerali Anicet Nibaruta, umuyobozi mukuru ajejwe gukinga ibiza n’isibe mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Albert Mbonerane arongoye ishirahamwe Action Ceinture Verte (ACV) riharanira gukingira ibidukikije, hamwe n’umwigisha wa kaminuza Jean Marie Sabushimike yanonosoye ibijanye n’ibidukikije.
Muri studio za BBC i Nairobi muri kumwe na Cyriaque Muhawenayo.


