Banki nkuru y'Uburundi yoba yafashe ingingo yo guhasha abanyegeje inoti z'amafaranga?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Mu Burundi hatanguye gusubizwa muri banki inoti z’amafaranga z’ibihumbi bitanu n’ibihumbi 10 zakozwe itariki zine z‘ukwezi kw’indwi mu 2018.
Ni ingingo yafashwe na banki nkuru y’igihugu imaze kubona ko hari ubukene bw’izo noti mu ma banki n’ibindi bigo vy’amafaranga; ibintu banki nkuru y’igihugu ivuga ko bihungabanya ihererekanywa ry’amafaranga.
Uwufise izo noti yahawe iminsi itarenga 10 kugira abe yazishize kuri konti yiwe muri banki canke yazikavyemwo izindi noti, ariko hari urugero ntarengwa.
Umuntu ku giti ciwe yemerewe gushira kuri konte yiwe yo muri banki imiriyoni cumi gusa. Aremerewe kandi gukabisha mu ntoke muri banki canke mu bindi bigo bikora nkazo amafaranga atarenga ibihumbi 100.000.
Abari kure y’amabanki bo bemerewe kuzoshikiriza ayo manoti abakozi ba Banki Nkuru bazokwiragizwa mu gihugu kugira bayegeranye, aho umuntu umwe akaba yemerewe gukabisha ibihumbi 100 ku munsi.
Bivuze ko uwoba afise ayarenga ayo ataco azoheza ngo ayakoze kiretse ayacishije ku wundi muntu.
Ariko sosiyete/kompanyi zemerewe gushira kuri compte zayo miriyoni 30 ku munsi kandi kuri buri konte imwe imwe zifise muri ico kiringo c’iminsi icumi. Bivuze ko mu minsi 10 zishobora gushirako miriyoni 300 kugwiza n’igitigiri ca konte zifise.
Umwihwezo
Banki Nkuru y’Uburundi ntivuga uko amafaranga ari muri izo noti yiteze kuvana mu ruja n’uruza angana, ariko ivuga ko hari hasigaye hari ubukene bwazo.
Ni ibisanzwe kandi ko ihamagaza inoti zishaje kugira uwuzifise ahabwe izindi ariko ikiringo c’iminsi 10 gitanzwe ni kigufi ugereranije n’uko vyahora bigenda, no gushinga urugero amafaranga umuntu canke kompanyi, societe/ishirahamwe bemerewe kutarenza naco ni gishasha.
Cerekana kandi ko mu gihe hari aboba bafise ayarenga urugero ntarengwa ubu agiye kuba impfagusa. Ivyo navyo ntibikorotse biva mu kirere.
Mu mezi aheze umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yari yagabishije ko ashobora 'kugira ibipapuro' amafaranga abantu banyegeje mu mazu yabo.
Yavuze ati: "Umunsi mwasanze ivyo bihera nabigize ibipapuro niho muzovyemera. Niho muzokwemera ko ndiko ndarwana.
"Ivyo bihera mwitwaza nzobigira ibipapuro […] Yajane muri banki hakiri kare basha […] kuko umunsi n’isaha ntawo muzi."
Perezida Ndayishimiye nta muntu yadomyeko urutoke, ariko birumvikana ko azi ko hari abafise amafaranga menshi mu mazu yabo canke mu bundi bubiko.
Mu gufata ingingo Banki Nkuru y’igihugu nayo ivuga ko hari hasigaye hari ubukene bw’izo noti mu nzira zizwi z’uruhererekane rw’amafaranga.
Kuvuga ko hari isano n‘ivyo umukuru w’igihugu yari amaze iminsi avuze nta kwihenda kwoba kurimwo.











