Somalia: “ikiza c’imbonekarimwe mu kinjana”

Insiguro ya video, Abahungiye ahakirurutse bakenye indya, amazi, WC n’ibindi nkenerwa.
Somalia: “ikiza c’imbonekarimwe mu kinjana”
Yatangajwe

Abarenga 1 000 000 barahunze, bava mu vyabo kubera isegenya yateye imyuzure.

Imvura imaze iminsi irwa muri Somalia, yakukumvye n’ivyo abari basanzwe barahunze nk’intambara, bari bipfuka.

ONU imaze gutanga imfashanyo y’agaciro k’imiliyoni 25$.

Ariko ntizishikira bose kubera hari n’ibiraro vyabomotse.

Somalia: Abahungiye ahakirurutse bakenye indya, amazi, WC n’ibindi nkenerwa.
Insiguro y'isanamu, Abahungiye ahakirurutse bakenye indya, amazi, WC n’ibindi nkenerwa.