Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
DR Congo - Amatora aratanguye: Amakuru n'ibiharuro ukeneye kumenya
- Umwanditsi, Prime Ndikumagenge
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Kinshasa
- Yatangajwe
Abantu bashika hafi miriyoni 44 bagiye mu matora rusangi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, baratora umukuru w'igihugu, abashingamateka ku rwego rw'igihugu n'urwo intara, hamwe n'abajenama b'amakomine.
Ibiro vy'amatora mu gihugu cose ni 74.000. Bitegekanijwe kwugurura isaha 12 zo mu gitondo hanyuma vyugarwe isaha 11 z'umugoroba.
Ariko nko ku murwa mukuru Kinshasa kuri iyo saha abantu ntibari bwatangure gutora uretse n'uko ata benshi bazindutse kuja muri ico gikorwa.
No ku biro bikuru vy'amatora biri kw'ishure rya Athénéede la Gombe -aho bitegekanijwe ko umukuru w'igihugu ahasanzwe, Felix Tshisekedi, n'umwe mu bo bahiganwa , Martin Fayulu- baja gutorera, mu masaha yo kwugurura amatora ntiyari bwatangure.
Abajejwe amatora bari bakiriko baramanika intonde z'abatora bongera bazana ibindi bikoresho.
Kuri uko gucererwa kwugurura ibiro vy'amatora, umukuru w'ivyo biro, Vernau Kongolo, yabwiye BBC ko igihambaye ari ukwubahiriza amasaha 11 yo gutora.
''Aho batanguye gutora isaha zibiri zo mu gitongo, ushizeko amasaha 11, baca batora gushika isaha imwe y'ijoro'', niko yabwiye BBC igisata c'Igifaransa.
Kinshasa, igisagara gisanzwe kirangwa n'uruja n'uruza rwinshi, kuri uyu munsi w'amatora mu masaha yo mu gitondo amabarabara yasa n'ayagaragara.
Abarondera intebe y'umukuru w'igihugu
Umukuru w'igihugu yari ahasanzwe, Felix Tshisekedi ari mu bitoza arondera ikiringo ca kabiri c'imyaka itanu.
Mu bo bahiganwa abakomeye cane ni batatu.
Martin Fayulu bari bahiganywe mu 2018. Yagumye yemeza ko ico gihe ariwe yari yatsinze amatora.
Moïse Katumbi yigeze kuba buramatari w'intara ya Katanga mu bumanuko bushira ubuseruko bwa Congo. Mu 2018 ntiyashoboye kwitoza n'ubwo yari yavyifuje. Ico gihe yarankiwe kwinjira mu gihugu avuye hanze kugira aze kwitoza.
Umushasha muri abo, mu kwitoza no muri poritike ni umuganga Denis Mukwege. Nawe nyene ni rurangiranwa kubera agashimwe k'amahoro kititiwe Nobel yahawe mu 2018.
Mukwege yashimiwe ku bikorwa vyiwe vyo kuvura abagore bakorerwa amahano ashingiye ku gitsina mu ntara zo mu buseruko bwa Congo zimaze imyaka hafi 30 mu ntambara n'izindi ndyane.
Mu bahiganira intebe y'umukuru w'igihugu harimwo umugore umwe.
Uyu ni Marie-Josée Ifoku w'imyaka 58, si ubwa mbere yitoje kuko no mu 2018 yari mw'ihiganwa.
Intambarara, ubukene...ibibazo bihambaye birindiriye uwuzotorwa?
Repuburika ya Demokrasi ya Congo ni igihugu kiri mu vya mbere muri Afrika mu bunini no mu butunzi kama. Ariko kiri no mu vya mbere bikenye cane kw'isi.
Igiturire n'intwaro mbi biri mu vyazingamitse ico gihugu.
Intambara imaze imyaka hafi 30 yugarije intara z'ubuseruko yatumye ico gihugu kiba ica mbere kw'isi gifise abantu benshi bateshejwe izabo mu gihugu hagati. Bashika hafi imiriyoni indwi.
Ako karere ko mu buseruko karangwamwo imigwi yitwaje ibigwanisho irenga 100. Uwuvugwa cane muri iki gihe ni M23 ugwaniriza reta mu ntara ya Kivu ya Ruguru. Reta ya Congo yagiriza Urwanda kuba inyuma y'uwo mugwi, ariko rwama rwabihakanye.
Bamwe mu bihweza ibintu n'ibindi babona ko intureka zimaze imyaka muri Congo zishingiye ku bibazo vya poritike n'uburongozi bizotora inyishu biciye mu biganiro.