Belgium - Genocide: Basabose yabonetse ubwa mbere mu rubanza aregwamwo uruhara muri jenoside yo mu Rwanda

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nubwo bitari vyitezwe mu ntahe yo ku wa kane, umwe mu baregwa, Pierre Basabose, atari bwitabe na rimwe, yaritavye urubanza ubwa mbere mu minsi 18 ruburanishwa.
Yaje mu rubanza yigendera; afise agakoni gato rimwe na rimwe yishimikiza, asa n'umuntu atekanye, yambaye ikoti ryirabura n'ishati itukura, ipantalo y'ikoboyi (jeans) n'ibirato vy'isandari (sandale).
Yitavye mu gihe hari harindiriwe ko umurwi wasuzumye amagara yiwe ubanza kwumvirizwa kugira wemeze canke uhakane ko yokwitaba.
Sentare yamubajije umwidondoro wiwe, uno nawe mw'ijwi rituje mu rurimi rw'igifaransa, naho yari afise abamufasha guhindura mu Kinyarwanda, yishura ko afise imyaka 75 kandi ari umunyarwanda aba mu Bubiligi, akora akazi k'ubucuruzi kuva kera.

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare yaciye imubwira ngo yicare hafi ya Twahirwa bagirizwa icaha kimwe kugira humvirizwe ivyabona bibagiriza.
Uwa mbere yumvirijwe ni umugabo w'imyaka 65 yaje ava mu Rwanda yemeje ko mu 1994 yari umudereva (chauffeur ) kandi yari umugenzi wa Twahirwa bakaba baranabana kandi basangira. Yemeje ko amuzi neza ko ari mu bagomora interahamwe nawe akazija imbere mu kwica.
Hakurikiye uwundi mugabo nawe nyene yaje ava mu Rwanda, akaba yavuze ko yaba i Gikondo. Yemeje ko Twahirwa yica agakiza yifashishije interahamwe kandi nawe nyene yazija imbere mu kwica, akanabaha n'inkoho n'imfungurwa, n’uburaro bwabo ngo niwe yabumenya aho bamwe baba iwe mu rugo.
Ariko bose beretswe Pierre Basabose, yaja aratwarwa n'agatiro muri sentare, bavuze ko batamuzi kuko ataboneka cane, ngo kuko yari umuntu wo hejuru, bavuga ko bumva gusa bamuvuga ko ari mu baha uburyo bwo kwica interahamwe.
Hakurikiye umugore w'imyaka 53 yaje ava mu Rwanda vyagoye gusura (gutanga ubuhamya) kuko yafashwe n'ikiniga amasozi amutanga hasi abajijwe ivyo gufatwa ku nguvu vyagirizwa Twahirwa.
Yahavuye asaba ko abaje mu rubanza bosohoka kugira avuge ivyamushikiye, sentare nayo ica itaramura abantu, urubanza rubandaniriza mu mwiherero.
Abagirizwa, yaba Séraphin Twahirwa na Pierre Basabose, yaba abunganira abarerwa n’abunganira abasaba indishi, nta vyinshi bashimye kubabaza.
Urubanza rw’uno wa kane rwitabiriwe n’abantu benshi baje kurwumviriza barimwo imiryango y’ababuze, imiryango y‘abaregwa na bamwe mu banyeshure bo mu ma kaminuza yo mu Bubiligi bari bahishikiye kurwumviriza.
Urwo rubanza rukaba ruzosubira kwumvirizwa ku munsi wa mbere kuko ejo kuwa gatanu sentare yashimye gufata akaruhuko.

Ruzocibwa gute?
Sentare yamenyesheje ko uruhara runini rugiye kugira abanyagihugu 24 batowe nk'abantu b'inyankamugayo mu bumviriza urubanza, bazwi nka jury mu gifaransa.
Muri abo 24 batoranijwe, 12 nibo bazokorana imburano nizamara kurangira, baheze baje mu mwiherero bahitemwo biciye mu matora nimba abagirizwa bagirwa n’icaha canke bambikwa izera.
Bazoba bari kumwe n'abacamanza batatu barongoye urwo rubanza bazoba bahari nk'abarorerezi.
Mu gihe abo cumi na babiri botora ko icaha cagira abaregwa, bazoca bakoranira hamwe n’abo bacamanza 3, gutyo uko ari cumi na batanu bashinge ingingo bafatira abagirizwa.










