Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Intambara ya Israel na Hamas: Ingabo za Israel ziriko zisatira zija mu bumanuko bwa Gaza
Ingabo za Israel zirwanira ku butaka ziriko zirasatira zitera zija mu bumanuko bwa Gaza, inyuma y’imisi itatu zimaze zicucagira amabombe.
Amakuru ya mbere atangwa n’iradiyo y’igisirikare ca Israel aremeza neza ko Israel yatanguye ibitero vyo ku butaka mu buraruko bw’igisagara ca Khan Younis.
Umukuru w’igisirikare ca Israel (IDF) yatangaje ko ingabo za IDF ziri mu ntambara ikomeye mu bumanuko bwa Gaza.
Liyetena Jenerali Herzi Halevi yariko avugana n’ingabo z’integabizoza zari zivuye muri Gaza ku bijanye n’intumbero za gisirikare hamwe n’intwazangabo za Hamas zishwe na IDF.
Yabwiye aba basirikare ati: "Twarwanye intambara ikomeye kandi yagenze neza mu buraruko bwa Gaza, kandi turiko dukora uko nyene mu bumanuko bwa Gaza”.
Mu nyuma, umuvugizi wa IDF yemeje ko Israel "ibandanya yagura uturere ku butaka”, muri Gaza yose, harimwo ingabo “zitana mu mitwe amaso mu yandi n’abaterabwoba”.
Kuva agahengwe kari kamaze indwi yose karangiye ku wa gatanu, Israel yavyuye ibitero vy’amabombe bikomeye kuri Gaza, ivyo ababa mu gisagara ca Khan Younis bavuga ko ari vyo bitero vya mbere bikomeye gushika ubu.
Agahengwe kamaze imisi indwi katumye Hamas irekura abantu 110 yari yafashe bunyagano bari bapfungiwe muri Gaza, Israel nayo irekura impfungwa z’Abanya-Palestina 240 bari bapfungiwe mu mabohero ya Israel.
Ku wa Mungu mu gatondo, igisirikare ca Israel categetse abantu kuva mu turere tutari duke twa Khan Younis vuba bwango.
Abategetsi ba Israel bemeza ko bamwe mu barongoye Hamas binyegeje muri ico gisagara, aho ibihumbi n’ibihumbi vy’abanyagihugu bahungiye intambara zariko zibera mu buraruko.
Umutegetsi wa ONU avuga ko atari bwabone ubwoba nk’ubwo yabonye mu bitaro bimwe vya Gaza, inyuma y’aho igisirikare ca Israel gihindukirije urugamba rwazo mu bumanuko.
James Elder wo mw’ishirahamwe Unicef ryitaho abana, avuga ko ibitaro Nasser biri i Khan Younis vyahindutse “akarere k’intambara”.
Umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere wa Israel avuga ko Israel iriko ikora “ibishoboka vyose” kugira ngo ntihagire abasivire bicwa.
Elder yabwiye BBC ko yashobora kwumva ibibombe bikomakomeye hafi y’ibitaro Nasser kandi ko bariko bakira abana bakomeretse mu mutwe, bafise ubushe buteye ubwoba, abandi baguweko n’ibirombora vy’ibi bibombe.
Ati: "Ni ibitaro namye ngendera buri gihe mbere ubu n’abana baranzi, imiryango iranzi ubu. Ni bo bantu ubu bariko bamfata ukuboko, canke bamfata ishati bavuga ngo ‘turagusavye udutware ahoba hatekanye. Ni hehe hatekanye’?
“Ikibabaje ni uko babaza ikibazo gifise inyishu imwe gusa, iyi nayo ikaba ivuga iti nta na hamwe hatekanye. Kandi kuri bo, aha hantu bibaza ko hatekanye ni kuri ibi bitaro”.
Ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza buvuga ko abantu barenga 500 bamaze kwicwa kuva ibi bitero vy’amabombe bisubiye gutangura.
Abantu barenga 15.000 baramaze kwicwa muri Gaza kuva iyi ntambara itanguye, nk’uko ubu bushikiranganji bubitangaza.
Mohammed Ghalayini, umwongereza yamuka muri Palestina akaba amaze imisi muri Gaza, avuga ko ibintu “birengeye kwitwa agahomerabunwa”.
Yabwiye BBC imbere y’uko terefone yiwe icika ati: "Abantu bamaze imisi 50 canke irenga bahanganye n’igitero ca Israel kandi baherewe n’ibintu vyose – imfungurwa, amazi, umuyagankuba n’ibikoresho vy’isuku”.
Uno muhinga mu vyerekeye ivyuka bihumanya ikirere asanzwe aba muri Manchester, akaba yashitse muri Gaza mu rugendo rw’amezi atatu agiye kuraba nyina wiwe imbere gato y’ibitero vyo ku wa 07 Gitugutu (10).
Israel yatanguye ibitero vyo kwihora kuri Gaza inyuma y’ibitero vya Hamas mu bumanuko bwa Israel ku wa 07 Gitugutu vyahitanye abantu bababa 1200, n’abandi 240 bafashwe bunyagano.
Ibisasu vya muzinga kandi ntibihagarara muri Israel biva muri Gaza kuva intambara isubiye gutangura ku wa gatanu. Umugabo w‘imyaka 22 mu gisagara ca Holon, hafi ya Tel Aviv, yatwawe mu bitaro ku wa gatandatu yaguweko n’ibirombora vyamukomerekeje gato.
Ibihumbi amajana n’amajana vy’abantu barahungiye muri Khan Younis inyuma y’aho Israel ibategekeye kuva mu karere k’uburaruko.
Igisirikare ca Israel catanguye gusohora ku mbuga ngurukanabumenyi amakarata yerekana uturere tugiye guterwa. Kivuga ko aya makarata, ari kumwe n’ubutumwa bwa terefone n’inzandiko ziriko zirakwiragizwa n’indege muri Gaza, bizoburira abanyagihugu bagakura meza.
Mu kiganiro Sunday with Laura Kuenssberg ca BBC, Mark Regev, umuhanuzi mukuru w’umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu, yavuze ko abasivire atari bo baronderwa kandi ko igikorwa co kubakingira kibangamiwe cane na Hamas "ibika ibikoresho vyayo vya gisirikare” mu turere tubamwo abasivire.
Avuga ko igisirikare ca Israel kigerageza “kwiyubara uko gishoboye kwose mu ntambara igoye”, kandi ko cama kiburira abantu imbere yo gutera.
Mu yandi makuru, igisirikare ca Israel kivuga ko casambuye “amayira yo mu kuzimu” 500 kuri 800 kivuga ko kimaze gutora gushika ubu.
Kivuga kandi ko kuva intambara itangura igisirikare kirwanira mu kirere kimaze gukora ibitero vy’indege 10.000 ku “bibanza vy’iterabwoba” kirongowe “n’abasirikare ba IDF barwanira ku butaka”.