DR Congo: Ni ibiki bibera hafi Masisi? FARDC na M23 babitanako

M23

Ahavuye isanamu, Reuters

Yatangajwe

Ingabo z'igihugu n’inyeshamba z’umuhari M23 muri Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo (RDC) ziritana ba mwana mu ntambara zibandanya mu turere two mu micungararo ya Masisi.

Ni inyuma y’aho umuhari M23 utangarije ko urekuye akarere ka Kibumba, ivyo reta ya Congo ibona ko ari ''umutego'' no ''kwiyamamaza''.

Nk’uko baherutse kubibwira BBC, bamwe mu baba mu karere ka Masisi bemeza ko hari intambara zibandanya, ivyemezwa n’impande zompi zihanganye ariko zigatanako umwikomo.

Mu gihe wo uvuga ko wemeye gushira mu ngiro amasezerano yateweko igikumu n’abategetsi b’akarere i Luanda ku wa 23 Munyunyo (11), umuhari M23 wagiriza reta ko yo ibazunguruka “igatera ibirindiro vyacu”.

Ku ruhande rwayo reta ibona ko ibiherutse kubera i Kibumba aho M23 yemeye gusubiza iki gisagara ari uguhuma amaso amakungu kugira ngo ifate utundi turere.

Jenerali Sylvain Ekenge avugira ingabo za Congo, FARDC yongeye kubwira BBC ko Urwanda ari rwo rutera igihugu ciwe, akavuga ko M23 ari igikoresho.

Urwanda na M23 bompi barahakana ivyama bivugwa na Congo.

Umuvugizi wa M23 Majoro Willy Ngoma yabwiye BBC ko bobo batanguye gukurikiza uko amasezerano abitegekanya, bakava muri Kibumba ariko ingabo za Congo zikabazunguruka zigatera ibinrindiro vyabo.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ati: “Amasezerano aratomoye, twaramenyeshaje ko dutanguye kuva muri Kibumba buke buke nk’uko amasezerano y’i Luanda abitegekanya, ariko baca baradutera”.

Abona ko reta ata gushaka kwa poritike ifise mu gutorera inyishu ibibazo mu mahoro.

Ati: “Twebwe nta ntambara twatanguje kuri reta, ico dukora ni ukwivuna.

“Twarateye igikumu ku masezerano na reta, ibiriko biraba nibo ntandaro ya vyose kuko nibo baduca inyuma bakadutera. Ntibashaka ko haba amahoro kubera bafise iyindi migambi”.

Inama y’abategetsi b’akarere yabereye i Luanda ku wa 23 Munyonyo (11) itegeka M23 kuva mu turere twose yigaruriye kuva intambara isubiye kuvyuka mu kwezi kwa cumi na rimwe mu 2021, atari uko naho hagakoreshwa inguvu.

Major Ngoma avuga ko bahawe urutonde rw’ingene bazova mu turere twose kandi ko batanguye kurukurikiza bahereye i Kibumba.  

Ati: “Baradushikirije urupapuro rw’inzira rwerekana ingene tuzova i Kibumba, Rumangabo, Kisheshe, n’utundi twose gushika Bunagana, ni urutonde rusanzwe ruhari twasabwe gukurikiza bukebuke. Nirwo dukurikiza tukaba twahereye kuri Kibumba n’utundi duce tutari duke”.

Hagati aho, Jenerali Sylvain Ekenge, umuvugizi w’igisirilkare ca Congo, wewe abona ko M23 itigeze iva muri Kibumba, kandi ko ibandanya ibitero mu karere kari hagati ya Rutshuru na Masisi.

Ati: “Bashaka gukora ibishoboka vyose kugira ngo binjire i Masisi, ariko ntibashoboye gushikayo.

“Baracari muri teritwari ya Rutshuru, baragerageje gufata Karake, kugira binjirire i Sake, ariko twarabasubije inyuma”.

‘FDLR ni icitwazo’

BBC imubajije igituma babandanya bagiriza Urwanda kandi narwo rubihakana, Jenerali Ekenge yemeza ko ari narwo rwateye igikumu ku masezerano kw’izina rya M23.

Ati: “Mu bisanzwe M23 ntibaho, bapfa kuyita M23 ariko ni igisirikare c’Urwanda, Urwanda ni rwo rwateye umukono ku masezerano, ni rwo rudashira mu ngiro amasezerano.

Urwanda rwo rwagiriza ingabo za Congo gufatanya n'iz'umugwi FDLR [gizwe n'abahunze bahejeje kugira uruhara muri jenoside yo mu Rwanda mu 1994] usanzwe urwanya Urwanda.

Jenerali Ekenge avuga ko ico cama ari co citwazo “kugira ngo Urwanda rubandanye rwiba ubutunzi bwa Kongo'', kuko ku bwiwe, ''Urwanda rubeshejweho na Congo”.

Ati: “Reka nguhe akarorero, mu ngwano zabereye i Karake, hariho umu FDLR yitwa Mandevu, ni we mu FDLR yereka inzira ingabo z’Urwanda zashaka kwinjira i Masisi, none ivyo wobisigura gute?”

“Kuva imyaka n’imyaka, ni aba FDLR bangahe tumaze kurungika mu Rwanda? Hari aba FDLR bafashwe mpiri, abandi bakishikana kuri MONUSCO no ku gisirikare ca Congo, abo bose duca tubarungika mu Rwanda”.

Mu ndwi iheze, icegeranyo ca ONU cashoboye kumenyekana kitarasohoka icese cavuze ko reta y’Urwanda iha imfashanyo abagwanyi ba M23. 

Ariko ico cegeranyo nyene kivuga ko reta ya Congo yunze urunani n'iyindi migwi yitwaje ibigwanisho kugira bagwanirize hamwe M23.