Ibibazo bihanze Trump mu mategeko bikomeye  gute?

Yatangajwe

Ibibazo vya Donalad Trump imbere y’amategeko ni vyinshi kandi bitandukanye.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu ariko arakorwako amatohoza  ku bintu vyose kuva ku nyandiko z’igihugu  zikiri mw’ibanga yoba yagiye ajanye iwe, gushika ku giciro c'umurengera yoba yashize kuri imwe mu nzu ziwe i New York kandi afise n’izindi manza nyinshi yashingishirijwe.

Ariko amatohoza ane akomeye cane niyo  ashobora kugira ingaruka zikomeye kuri Trump – we ubwiwe no muri poritike.

Yose aracabandanya kandi nta na rimwe riratuma yagirizwa ivyaha.

Ni iki kiriko kiratohozwa?

Ubushikiranganji bw’ubutungane buriko buratohoza ivanwa ry’inyandiko mu biro vy’umukuru w’igihugu (White House), hanyuma zikajanwa mu  rugo bwite rwa Teump, Mar-a-Lago, muri Froride  inyuma y’aho asezereye White House.

Abakora amatohoza bariko barihweza ingene izo nyandiko zashinguwe n’aboba barazibonye.

Urwo rugo runini rwa Trump rushika ku musenyi w’ibahari  rwarasatswe mu kwezi kwa Myandagaro (8) hanyuma inyandiko 11.000 zirafatwa harimwo 100 zanditseko ari izikiri mw’ibanga. Harimwo n’izanditsweko ko ari iz’ibanga rikomeye.

Ata gitangaje, aho ibintu bigeze tuzi bike cane ku biri muri izo nyandiko.

Ariko inyandiko ziri mw’ibanga akenshi ziba zirimwo amakuru abategetsi bumva ko yokwonona umutekano w’igihugu hamwe zoshirwa ahaboona. 

Trump amaze kuvuga iki?

Yarahakanye kuba hari ico yononye aca anegura ingingo y’ubushiikiranganji bw’ubutungane yo kumugirako amatohoza avuga ko “ifise intumbero ya poritike’ no “kumuhiga”.

Yagiye arahindagura mu kwisigura  ahanini gushingiye mu kuvuga ko izo nyandiko yari yarazivanye mw'ibanga. Nta cemeza kiraboneka ko ivyo ari ukuri.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yavuze kandi ko zimwe muri izo nyandiko zikingiwe na “privilege” – insiguro y’amategeko isobanura ko izo nyandiko zidakoreshwa mu manza muri kazoza.

Umucamanza yigenga ariko arihweza izo nyandiko kugira arabe ko ivyo ari uko bimeze, kandi ivyo biracakomeza.

Ariko Trump ntarishura we ubwiwe ikibazo nyamukuru co kumenya igituma ubwa mbere na nmbere izo nyandiko zajanywe i Mar-a-Lago.

None bifise uburemere bugana gute?

 

Aya n’amatohoza y’ivyaha ashobora kuvamwo kwagirizwa ivyaha.

Kimwe mu vyo ubushikiranganji bw’ubutungane buvuga n’uko Trump ashobora kuba yararenze ku ngingo yitwa “Espionage Act”  mu kubika inyandiko zerekeye umutekano w’igihugu “zishobora gukoreshwa mu kugirira nabi Reta Zunze Ubumwe.”

Uretse ivyaha bijanye n’izo nyandiko zo mw’ibanga ubwazo, abashikirizamanza bariko barakora kandi amatohoza y’ukubera intambanyi ubutungane nk’ikindi gishobora kuba icaha. Abunganira Trump baracari mu mpari zijanye n’amateko n’ubushikiranganji bw’ubutungane  kuri ayo matohoza.

Hariko haratohozwa iki?

Abashikirizamanza i New York bariko barakora amatohoza kuri Trump Organisation, yahoze ari kompanyi y’umuryango y’uwo yahoze ari umukuru w’igihugu.

I New York hariko haraba amatohoza abiri: -rimwe risanzwe n’irindi ry’ivyaha.

Letitia James, umushikirizamanza mukuru wa New York, arongoye iryo tohoza risanzwe (iryo ntirijana kwagirizwa ivyaha) akaba amaze hafi imyaka itatu ariko aratohoza niba iyo kompanyi yarakoze amanyanga atandukanye ku myaka mirongo muri iyo ntara.

Muri ivyo harimwo guha agaciro karenze urugero amatungo  nk’ibibuga vya golf canke amahoteri, kugira aronke amadeni y’inyungu nto n’urugero rwiza rwo guharurirwako amakori.

Itohoza rijanye n’ivyaha, ku rundi ruhande, rirongowe n’umushikirizamanza mukuru ya District ya Manhattan Alvin  Bragg, kandi nawe nyene akaba ariko akora ku kibazo kimwe, kuko iryo tohoza ryerekeye ibikorwa vy’i New York.

  Trump amaze kuvuga iki?

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugu n’abamwunganira bavuga ko kompanyi ata na kimwe yakoze kinyuranye n’amategeko.

Yagirije Madame James, umu-democrat, kurondera kwihora muri poritike, aho akagaruka ku majambo yavuze imbere y’uko atorwa kuba umushkirizamanza mukuru aho yarahiye ko azomwitwarira akamwita “umukuru w’igihugu atemewe”.

Igihe yahamagarwa kuja kubazwa mu matohoza asanzwe, Trump yaranse kwishura ibibazo yemeza gusa izina ryiwe.

None bifise uburemere bungana gute?

Madame James  yarashingishije urubanza rw’amanyanga [yoba yakozwe na kompanyi ya Trump] mu kwezi kwa Nyakanga, urubanza  rushobora  gutuma iyo kompanyi  idasubira kubaho uko iri gushika ubu.

Madame James yavuze ko uwo yahoze ari umukuru w’igihugu, abana batatu ba mbere biwe hamwe na babiri mu bategetsi ba kompanyi, bakoze ibikorwa bitandukanye vy’amanyanga  hagati ya 2011 na 2021.

Muri urwo rubanza rwashingishijwe, umuryango wagirizwa kwerekana inyungu irengeye cane  iy’ukuri, rukaba rurondera miriyoni 250 z’ama dorari waronse biciye mu buryo bw’amanyanga.

Rurondera kandi ko Trump n’abana biwe bafatirwa ingingo z’ibihano vyo kutemererwa kuja mu kibanza c’uburungozi mu gikorwa c’ubugwizatunga ico arico cose i New York.

Itohoza ry’ivyaha gushika ubu  ntaco kivugwako cane.

Madame James, ariko, ivyo yatoye yarabirungikiye abashikirizamanza b’igihugu kandi bishobora gufasha mw’itohoza rishasha rigiye kwugururwa.

Hariko haratohozwa iki?

Ibivugwa nk’uruhara Trump ashobora kuba yaragize mu gitero ca US Capitol  itariki 6 Nzero mu 2021, igihe isinzi ry’abantu bamushigikiye batera iyo nyubakwa barondera kubuza ko intsinzi mu matora ya prezida Joe Biden yemezwa, biriko biratohozwa n’inzego zitandukanye z’igihugu.

Uwugaragara cane n’umugwi w’inama nkenguzamateka na nshingamateka ugize igihe uriko uratohoza ku bikorwa vya Trump.

Barumvirije abantu vyerekanwa ku mboneshakure,barondera kwerekana ko ivyo Trump yavuze ko amatora yibwe vyatumye  haba imigumuko mu buryo butaziguye.

Hari kandi n’amatohoza y’ivyaha y’ubushikiranganji bw’ubutungane ku vyabaye ku wa 6 Nzero no kurondera mu buryo bwagutse kuburizamwo ivyavuye mu matora – ariko ivyo ahanini vyagumijwe mw’ibanga.

Niyo matohoza ya mbere y’igiporisi akomeye cane muri kahise ka Amerika, ariko ahagarukira kuba ari Trump aronderwa ntihazwi.

  Trump yavuze iki?

Yarahakanye uruhara mu migumuko  hanyuma anegura uwo mugwi w’inama nshingamateka na nkenguzamateka awita “sentare ya kangaroo [sentare ya ngondagonde]”.

Yabandanije kuvuga ata vyemeza ko habaye ubusuma mu matora.

None bifise uburemere bugana gute?

Umugwi w’inama nshingamateka na nkenguzamateka -ugizwe n’aba-democrat indwi n’aba-republican babiri- nta bubasha ufise bwo kuburanisha ariko bemeje batoye kurengutsa Trump.

Ivyo bisigura ko mu mategeko ategerezwa kuza kubazwa no kwishura ibibazo imbere y’inama nshingamamateka na nkenguzamateka, ariko vyitezwe ko atazokwitaba, ivyo bikazoca bivamwo urugamba rw’amategeko.

Uwo mugwi uriko uraraba kandi niba wosaba ubushikiranganji bw’ubutungane ngo bwagirize Trump icaha.

Mu ngiro ibi ntaco bivuze cane, ariko bishbora kwongereza igitutu ku bakora amatohoza.

Itohoza ry’ivyaha ry’ubushikiranganji bw’ubutungane bimaze gutuma abantu amajana bateye Capitol bagirizwa ivyaha.

Uwo yahoze ari umukuru w’igihugtu ntarahamagarwa kugira abazwe muri iryo tohoza, ariko n’ikintu gishoboka. Kandi ashobora no kwagirizwa mu gihe abakora amatohoza bobona ko hari ivyemezo bikwiye ko hari ivyaha yakoze.

Hariko hatohozwa iki?

Abashikirizamanza muri iyo ntara bariko baratohoza ku bivugwa ko hageragejwe kugira impfagusa ivyavuye mu matora yo mu 2020.

Iryo tohoza ry’ivyaha ryuguruwe inyuma y’aho hahishuriwe ikiyago co kuri terefone camaze isaha hagati y’uwahoze ari umukuru w’igihugu n’uwari ajejwe amatora ku rwego rw’igihugu itariki 2 ukwezi kwa mbere mu 2021.

Trump yabwiye umu-republican Brad Raffensperger  ico gihe ati: “Nshaka kuronka amajwi 11.780”, ayo akaba yari amajwi yari akeneye kugira atsinde muri iyo ntara ihindagura mu gutora (swing state).

Trump yavuze iki?

Yavuze ko iryo tohoza- co kimwe n’ayandi menshi-ari “uruhigi” [rwo kumutoteza].

Trump yanifatiye mu gahanga uwurongoye iryo tohoza – umushikirizamanza mukuru wa Fulton County, Fani Willis - nk’umuntu akiri “muto, akirondera gushika kure, umu-democrat w’uruhande rukaze ...atwara rumwe mu nzego zamunzwe n’ivyaha hamwe n’ibiturire”.

None bifise uburemere mungana gute?

 

Madame Willis yabwiye ikinyamakuru Washington Post mu kwezi guheze ati: “Ni ibintu biremereye cane. Uwuhamijwe ivyaha hanyuma agacirirwa igihano, ashobora gucirirwa umunyororo.”

Yongeyeko ati kwagirizwa muri sentare ntivyimirije kuba, ariko avuga ko Trump ashobora guhamagarwa vuba kubazwa ibibazo.

Ntibizwi niba uwahoze ari umukuru w’igihugu ariko arakorwako amatohoza ubwiwe mu buryo butaziguye, ariko bamwe mu bo bacuditse birazwi ko bari mu bariko barakorwa amatohoza.

Umwe muri abo ni uwahoze ari umwunganizi wiwe bwite  Rudy Giuliani, ari nawe yari  imbere mu gukoresha amategeko mu kwanka ivyavuye mu matora. Abunganira Giuliani  bavuga ko ata caha yakoze muri iyo ntara.

Bivugwa ko abakora itohoza bariko barihweza igishobora kuba icaha mu vyo yabwiye  kuri terefone abategetsi bo muri Georgia, harimwo n’ibivugwa ko ari amatangazo y’ibinyoma yabwiye abanyaporitike aho nyene.

Ariko kugira umuntu yagirwe n’icaha, abashikirizamanza bategerezwa kwerekana, ku buryo atawobigirako amadidane, ko abatohozwako bari bazi ko ivyo bariko barakora yari amanyanga.