Abanya-Tanzania baridogera reta ku mpanuka y’indege.

Indege yakoze impanuka iri mu mazi y'ikiyaga cya Victoria

Ahavuye isanamu, Charles Mwebeya TBC

Insiguro y'isanamu, Impanuka y'iyo ndege ya Precision Air muri Victoria yaguyemwo abantu 19
Yatangajwe

Reta ya Tanzania iriko iranegurwa ku kuba idasanzwe yiteguye guhangana n’impanuka canke akaga.

Ni inyuma y’ iminsi ibiri gusa habaye impanuka y’indege yaguyemwo abantu 19 igihe iyo ndege yagwa mu kiyaga Victoria ihushije ikibuga ca Bukoba ku wa mungu.

Ku bantu 43 bari muri yo, harokotse 24, abandi 19 barapfa.

Ikinyamakuru ca mbere gikomeye muri Tanzania kirasaba ko ababijejwe babazwa ingene igikorwa co gutabara kitagenze neza umunsi haba iyo mpanuka.

Abahinga mu bijanye n’indege, abaharanira uburenganzira n’abakoresha imbuga hwaniro baneguye reta ko itemanga ko itavyifatamwo neza mu gihe c’impanuka zikomeye canke akaga.

Captain Khalil, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’abadereva b’indege babigize umwuga muri Tanzania avuga ati: “Nizeye ko abategetsi babonye ivyabaye. Niba tutashoboye gukora neza  igikorwa co gutabara  ku ndege ntoya nk’iriya, twobigenza gute hamwe yoba ari indege nini gusumba?”

The Citizen/Tanzania

Ahavuye isanamu, The Citizen/Tanzania/Twitter

Insiguro y'isanamu, Ikinyamakuru The Citizen kibaza kiti : "Ubutabazi bwari he?"

Umuhinga mu biza James Mbatia, yigeze kuba n’umushingamateka, yabwiye BBC ko “vyari gushoboka ko ingenzi zose zitabarwa, ariko biratangaje ko aho hantu [isanganya ryabareye] hari huzuye abarovyi kandi ata bwato bwo gutabara bwari buhari”.

"Ako ni akamaramaza.”

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Mbatia abandanya ati: “Turacafise bwa buhinga, bwa bundi bwakoreshwa mu 1996 …nabwo buteye ibibazo vyinshi.”

Ku mbuga hwaniro, bamwe bavuga ko kwemenga ivyabaye bikwiye kuja mu muco w’abanya-Tanzania kandi ko ababijejwe bakwiye kubazwa ivyerekeye isanganya ry’iyo ndege n’ingene ibikorwa vyo gutabara bitagenze neza.

Umushikiranganji wa Tanzania ajejwe kwivuna abansi Innocent Bashungwa yavuze ko reta izoha inyishu impungenge abantu bashikirije kugira hatezwe imbere uburyo bwo gutabara n’ubwo kwitegura guhangana n’ibiza.

“Ivyo turimwo vyose, vyaba vyiza canke bibi, kaguma ari akaryo ko kwiga kandi muri aka kaga k’isanganya ry’indege, twumvise ivyo abanyagihugu bavuga ku kuba dukeneye kwitegura neza gusumba.”

Yavuze ko reta igiye gusubiramwo amafaranga asanzwe ategekanirizwa guhangana n’ibiza kandi haboneke ibikoresho nyavyo vyo gutabara.

 

Hagati aho  video y’inzege (grue/crown) iriko iraterura iyo ndege iyivana mu aho yaguye yahanahamywe ku mbuga hwaniro.

Tambuka X ubutumwa
Uremeye ibiri kuri X?

Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.

Uragaba: BBC ntibazwa ibiva ku zindi mbuga.

Impera ya X ubutumwa