Impunzi ya mbere kw’isi itsindiye umudali, mu bagendana ubumuga
Impunzi ya mbere kw’isi itsindiye umudali, mu bagendana ubumuga
Yatangajwe
Zakia Khudadadi yipfuza ko ivyo yashitseko bivamwo ubutumwa ku mpunzi mw’isi.
“Ndi umugore jenyene muri uyu mugwi w'abakinyi b'impunzi bagendana ubumuga”, kandi nabaserukiye mu gutsindira umudali w'umujumbu”.
Avuga ko ari ubutumwa ku mpunzi mw’isi, bwo kutihebura, no guharanira ubwigenge n’amahoro.
Zakia yahunze ava Kabul mu 2021, igihe aba Taliban bagaruka k’ubutegetsi muri Afghanistan.




