Korea: ababa ku mbibe zose ntibasinzira
Korea: ababa ku mbibe zose ntibasinzira
Yatangajwe
Mu gushamirana kumaze imyaka, abo muri Korea y’epfo bidogera urwamo abo kwa Kim Jong-un (ya ruguru) barungika, cane cane mw’ijoro.
Hari abavuga ko abahungiye muri Korea y’epfo aribo batanguye kurungika impapuro zityoza ubutegetsi bw’i Pyongyang (iya ruguru).
Mu kwishura, nabo batanguye babarungikira imyanda, gushika ubu babarungikira urwamo rubabuza kuruhuka.
Iyi “ntambara” y’urwamo nta n’umwe yorohereje.




