Umu nye Maroc wa mbere akina ‘breaking’ ashitse mu nkino za Olympics

Umu nye Maroc wa mbere akina ‘breaking’ ashitse mu nkino za Olympics
Yatangajwe

Uretse ko Fatima Zahra atari azi ivy’urwo rukino ‘breaking’, iyo atagira abagenzi babimwereka, na se ntiyashaka na gato ko umukobwa wiwe akina ivyo ‘bintu’.

Fatima yarutanguye ku myaka 15, mu nyuma se anamushigikiza uburyo bw’amahera.

Umudali wa mbere yawutahanye se ari mu bitaro, aranawumwitirira.

Fatima avuga ko ari iteka guserukira igihugu, ubwa mbere urwo rukino ruvanze ubunonotsi n’intambo rwemerewe muri Olympics.