Goma, mu gisagara abanyeshule baracatinya kuja kw'ishule

Insiguro ya video, Goma, mu gisagara abanyeshule baracatinya kuja kw'ishule
Goma, mu gisagara abanyeshule baracatinya kuja kw'ishule
Yatangajwe

Mu gisagara Goma, kuva intambara ziherutse, abavyeyi baracatinya kurungika abana ku mashule, babona umutekano utarakwira.

"Turibaza uko abana bazosubira kwiga batekanye, inyuma y'ivyo bahitiye babona, n'ibimenyetso vy'intambara bikihari".

Mu bice bimwe vyo muri Kivu ya ruguru umwaka uraheze abana bataja kwiga kubera intambara.

Muri rusangi, haharurwa ibirase bishika 2500 bitariko birakora.

Abana barenga umuliyoni, ivyigwa vyabo birazingamitswe n'intambara, m'uburaruko bwa Kivu.
Insiguro y'isanamu, Abana barenga umuliyoni, ivyigwa vyabo birazingamitswe n'intambara, m'uburaruko bwa Kivu.