Amatora mu Burundi: 'Aho tuzosanga vyarononekaye ku buryo ntakosorwa tuzohasubiramwo' - Ndayishimiye

- Umwanditsi, Amissi Karihungu
- Igikorwa, Umunyamakuru i Gitega
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 4
Umukuru w'igihugu c'Uburundi aranegura abasohora amatangazo berekana ivyo bavuga ko ari ibitagenze neza mu matora y'abashingamateka n'abajenama b'amakomine aheruka ku wa 5 ruheshi, akavuga ko bari kuba babishikirije igihe amatora yariko araba kugira ngo bitorerwe umuti.
Mu kiganiro n'abanyamakuru ku mugwa mukuru wa poritike, Gitega, Perezida Evariste Ndayishimiye yavuze ko gushika ubu akibandanya yakira abafise akangonongono kugira ngo "dufate ingingo zibereye ku neza y'igihugu".
Avuga ko abagerageje gutoba no mu gihe c'imyiyamamazo bose bafashwe kandi ko bashikanywe imbere y'ubutungane.
Imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi nka CNL, Uprona hamwe n'urunani Burundi bwa Bose, barashikirije inenge babonye muri aya matora. Eka n'indorerezi zarungitswe n'inama y'abepiskopi y'Uburundi.
Hejuru y'abo hiyongerako n'ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu, Human Rights Watch (HRW) rivuga ko ryavuganye n'abatari bake, harimwo n'uwo rivuga ko ari mu muhari w'Imbonerakure, baribwiye ko amatora yabayemwo utunenge tuyitesha agaciro.
Bimwe mu vyo izi mpande zihurirako mu tunenge zivuga ko twaranze aya matora, harimwo nk'iterabwoba bavuga ko ryakorwa n'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi, abanywanyi ba CNDD-FDD batorera abandi ku nguvu, guherekeza abatora mu tuzu tw'umwigerero tw'amatora, kutemerera abaserukira abitoza gukurikirana ingene amajwi aharurwa, n'ibindi.
Ku bwa Perezida Ndayishimiye, utu tunenge twose twategerezwa kuba twashikirijwe umurwi ujejwe gutegura no guhagararira amatora, CENI, kugira ngo udukurikirane wongere udutorere umuti.
Ati: "Ikidutangaza ubu, ni uko tuza twumva amahinyu bavuga ubu kandi vyari ryoroshe ko babivuga kirya gihe nyene amatora yariko araba ababijejwe bagaca babitorera umuti bidatevye".
Avuga ko abandanya yumviriza abantu bose babonye agahaze muri aya matora kugira ngo inzego z'igihugu zigasuzume hanyuma zifate ingingo zibereye.
Ati: "Ni co gituma nsaba umuntu wese afise akangonongono ko yokwerekana neza aho ivyo atemera vyabereye n'ivyo bakoze we atemera".
Avuga ko yiteguye no kwumviriza imirwi y'abigenga b'inderetsi, abasaba ko, mu kugira ivyegeranyo vyabo na bo nyene bashikiriza inzego z'igihugu, bokwerekana neza, "akazu ku kandi ahoba harabaye amahinyu kugira ngo naho nyene duhinyuze".
Yemerera Abarundi ko "abo tuzosanga barononye amatora, baba abo mu murwi CENI, baba abandi bose, bazohanwa hakurikijwe amategeko".

Mu gihe yabandanya avuga ko abo bazosanga amatora yarononekaye bazofata ingingo ariko ntadudurireko, abanyamakuru bashatse kumenya neza na neza ingingo zishobora gufatwa, harimwo nko gusubiramwo amatora y'aho hantu.
Mu kwishura iki kibazo, yagereranije utunenge twabaye muri ayo matora n'amakosa ashobora kuba mu mupira w'amaguru, aho avuga ko hashobora guhanwa umuhagarikizi canke urukino rugasubirwamwo.
Ati: "Uvuze aho vyabereye, tuzoca turungika umurwi CENI, ndungike n'ivyabona vyanje, duce duhamagara inderetsi zari zihari, abari baserukiye abitoza, n'abari bajejwe aho hantu.
"Nabivuze neza nti aho tuzosanga vyononekaye, ku buryo nyene...biboneka ko ari ntakosorwa...ntakosorwa...eh, none abenegihugu uca ubarenganya? Uca uvuga uti ng'aha ku biro vy'amatora vy'ahanaka, turahasubiramwo.
"Ivyo ni ibintu vyumvikana".
Hagati aho, hari abamaze kwitura ubutungane, aho nk'urunani Burundi bwa Bose rusaba sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro "gutesha agaciro ivyavuye muri ubu busuma busadanzwe", nk'uko rwo fuyafata, rugasaba na reta gutegura ayandi matora "yigenga, adakumira kandi yoba mu muco".
Eka n'umugambwe CNL na wo nyene ni ko kw'uko, aho uvuga ko wituye imirwi ijejwe gutunganya amatora mu ntara CEPI ku vyerekeye amatora y'abajenama b'amakomine, hamwe na sentare yubahiriza ibwirizwashingiro ku vyerekeye amatora y'abashingamateka, usaba ko ibiharuro mfatakibanza vyavuye mu matora vyatangajwe bifutwa, hanyuma itora rigasubirwamwo.
Ku bwa Perezida Ndayishimiye, ntibari gushoka bafata iyi ngingo yo kwitura ubutungane, akavuga ko bari kubanza kumwitura.
Ati: "Mu bisanzwe imbere yo kuja kwitura ubutungane, inzego z'igihugu zose ziba zananiwe, na jewe ndimwo...imbere y'uko uja kwitwara ubanza kubona ko inzego z'igihugu ataco zakumariye".
'Twagumye dusemerera ariko bifatwa minenerwe'-CNL
BBC Gahuzamiryango yashatse kumenya ico umugambwe CNL, umwe mu yituye ubutungane isaba ko ivyatangajwe vyotesha agaciro, ku bijanye n'uko umukuru w'igihugu yagiriza abidodomba ko bananiwe nogushikiriza ivyo babona bitariko bigenda neza, aho uvuga ko wamye usemerera kuva n'imbere y'amatora ariko bikaba ivy'ubusa.
Umuvugizi w'uno mugambwe Térence Manirambona, yabwiye BBC Gahuzamiryango ati: Kuva hajaho CENI, CEPI, abagize ibiro vy'amatora, mu kiringo co kwiyamamaza no ku musi w'itora, twagumye dusemerera, tubwira CENI n'imirwi iyunganira mu ntara no mu makomine, tumenyesha uko biriko biragenda ariko vyinshi vyafashwe minenerwe ibindi bifatwa nk'uko umengo ntacabaye.
"Nico gituma ata cahindutse. Hari naho twanditse amakete amenyesha yongera asaba ivyokosorwa kugira amatora abemwo umuco, vyose biba impfagusa.
"Bigaragara ko yari integuro".
Na yo ku bijanye n'uko uno mugambwe wituye ubutungane, Manirambona asigura ko bakurikije inzira zitegekanijwe n'Ibwirizwa ritunganya amatora ritomora uko bigenda.
Ati: "Ku matora y'abajenama b'ama Komine, uwitwara ajana ibirego mu mirwi ijejwe amatora mu ntara CEPI, mu gihe ku bashingamateka ibirego bitwarwa muri Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa shingiro. Ivyo navyo umugambwe CNL warabikoze.
"Nta ngingo n'imwe ivuga ko bagenda iyo vyabereye guhinyuza uko vyagenze.
"Ahubwo nyabuna nk'uko vyashikirijwe nabagiye mw'ihiganwa co kimwe n'abatoye bafatiye ku vyabashikiye, nibemange ko amatora yaranzwemwo amahinyu ndenzarugero kandi yateguwe, hanyuma amatora asubirwemwo".
Nayo ku kijanye n'uko Perezida Ndayishimiye yemera ko aho bazosanga habaye amakosa ababikoze bazohanwa, canke bikaba ngombwa ko itora risubirwamwo ahantu hazoba habaye amakosa "ntakosorwa", Térence Manirambona avuga ko umukuru w'igihugu yirengagiza ko "amahinyu ndenzarugero n'ubusuma vyabaye igihugu cose kandi vyakozwe kumwe hose".
Ati: "Ivyakozwe vyose vyari bihagarikiwe n'abatwara ama Biro y'amatora bose bakomoka mu mugambwe uri kubutegetsi hahonyanzwe ingingo ya 41 y'ibwirizwa rigenga amatora itomora ko bategerezwa kuva mu migambwe itandukanye.
"Umugambwe CNL ntiwahengeshanije kwibutsa ko iyo ngingo yokubahirizwa mu mvugo no mu nyandiko zarungikiwe abatunganya amatora, ariko iyo ngingo yarahonyanzwe icese kugira bikunde ivyari vyateguwe bije mu ngiro.
Uno muvugizi wa CNL avuga kandi ko hari ikintu gitangaje cane, ko ari "irya mbere mu mateka y'igihugu haba amatora ntihavugwe ko hari amajwi y'impfagusa canke abataho batoye".













