Urwanda rumenyesha ko abantu 5 bahitanywe n'ibisasu vya FARDC muri Rubavu

Ahavuye isanamu, RDF
Mu gihe hiriwe havugwa urwamo rw'amasasu mu muji wa Goma uri mu buseruko bwa Republika ya Demokarasi ya Congo, ku nkengera z'igihugu kibanyi c'Urwanda, ikigo c'itangazamakuru c'Urwanda RBA gitangaza ko abanyagihugu 5 bo mu karere ka Rubavu bahitanywe n'ibisasu vyarashwe na FARDC na FDLR kuri uyu wa mbere.
Abantu 35 bakomeretse, bakaba bariko bitabwaho mu mavuriro atandukanye.
Ubutumwa buri ku rubuga rwa RBA, busubiramwo amajwi ya Brigadier General Ronald Rwivanga, umuvugizi w'ingabo z'Urwanda, avuga ko igisirikare c'Urwanda kiriko kirakora ibishoboka vyose mu nzira yo kuburizamwo ibisasu bikomeza guterwa ku butaka bw'Urwanda, no kurinda imbibe z'igihugu.
Brigadier General Rwivanga yahumurije abanyagihugu, abizeza ko ingabo z'u Rwanda zihagaze neza.
Yabwiye RBA ko Urwanda rwakiriye abasirikare ba FARDC bagera ku 120, bakiriye bakazobasubiza igihugu cabo bishoboka mu gihe kiri imbere.
Mu bajabuka, Brigadier General Rwivanga yavuze ko harimwo n'aba FDLR, 8 bakaba bajabutse mu ndwi iheze. Abajabuka ngo barakirwa, bakamburwa ibirwanisho, hanyuma bakajanwa mu bigo vyagenewe kubahugura imbere yo kubasubiza mu buzima busanzwe.
Amashirahamwe n'abanyagihugu bakozweko n'intambara
Ibiro vy'ishirahamwe ryitaho abana Save the children biri i Goma, hamwe n'uburaro bw'umwe mu bakozi baryo vyarashweko aho mu muji wa Goma.
Save the children ivuga ko hari abakomeretse barimwo n'umwana.
N'abakozi bo mu bitaro Heal Africa bamenyesha ko biriwe bumva amasasu aho mu uji wa Goma.
Umwe mu bakozi b'ivyo bitaro, Dr Joe Lusi, asanzwe aba kuri ivyo bitaro ariko akaba yari mu rugendo i Nairobi muri Kenya, kurondera ibikoresho igihe izo ntambara zaduka muri Goma, yavuze ko bagenzi we bamubwiye ko humvikana masasu menshi, kandi buri muganga yagiriwe inama yo kunyegera munsi y'igitanda.
Dr Lusi yavuze ko mu bisasu vyatewe hari ivyaguye ahari hasanzwe ikambi y'abateshejwe izabo, abantu barakomereka, bajanwa kuvurigwa mu bitaro bitandukanye aho mu muji wa Goma.
Mu gihe umugwi M23 watangaje kuva kare ko wamaze gufata umuji wa Goma, ariko Leta ya Congo ikavuga ko idashobora guhebera M23 n'isantimetero imwe y'ubutaka.
Radio y'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Okapi, yatangaje ko ikigo ca radio y'iguhugu ya Congo kiri Goma cafashwe na M23.

Ahavuye isanamu, BBC verify
AU na EAC vyatumyeko inama yihuta ku kibazo ca Congo
Inama y'amahoro n'umutekano y'Ubumwe bwa Afrika yiteguye gukorana ejo aho bukera, kwiga ku kibazo ca R D Congo, nk'uko bimenyeshwa n'ikinyamakuru AFP.
Iki kinyamakuru gisubiramwo amajambo y'umuvugizi wayo, Paschal Chem-Langhee, avuga ko iyo nama yitezwe ejo ku mutaga.
Ikibazo c'umutekano wa Republika ya Demokarasi ya Congo kizoganirwako kandi mu nama yihuta y'umuryango wa Afrika y'ubuseruko.

Ahavuye isanamu, AFP
Perezida William Ruto, amenyesha ko bagenzi we b'Urwanda na R D Congo bemeye kwitaba iyo nama yihuta ya EAC.
Mu kiganiro yahaye abanyamakuru, perezida Ruto yavuze kandi ati: "Ntitubona y'uko, tubirabiye mu ruhande rwacu, hari inyishu ya gisirikare ishoboka kuri ibi bibazo vyo mu buseruko bwa Congo".
Perezida Ruto yagize ati: "Ibiganiro vy'imbonankubone, kumwe n'umugwi M23 n'abandi bafise uruhara muri iyi ntambara yo mu buseruko bwa Congo ni nkenerwa"
Muri kino gihe Kenya niyo irongoye umuryango wa Afrika y'ubuseruko – EAC, uhuriwemwo n'ibihugu munani birimwo Republika ya Demokarasi ya Congo n'Urwanda.
Mu gihe umuvugizi wa leta ya Congo yasavye abanyagihugu ba Goma kuguma mu mazu yabo batekanye, bakirinda no gusahura, BBC yabonye amasanamu yerekana imirongo minini y'abantu bakomeza guhunga igice co mu buraruko bwa Goma ahari hacumbikiye abateshejwe izabo, abenshi bafise intekera ku mutwe berekeza mu bumanuko.
Mu gihe hari ababoneka bahunga, hari n'abandi benshi basokorotse mu mazu yabo baja gusanganira abarwanyi ba M23 nk'uko amasanamu BBC yabonye avyerekana.










