Goma: Ivyabereye mw'ibohero 'Munzenze'

Insiguro ya video, Ivyabereye mw’ibohero Munzenze ry’i Goma
Goma: Ivyabereye mw'ibohero 'Munzenze'
Yatangajwe

Sifa yararokotse, ariko Esther, umwana wiwe w'imyaka 2 yari anafise ubumuga, yamupfiriye m'umugongo, bagerageza guhunga.

Ivyo abagore barenga 130 n'abana 26 bapfiriye mw'ibohero rya Munzenze ry'i Goma rituriwe, bamwe bafashwe ku nguvu ... ntibiratomoka.

Pascaline ni uwundi mu barokotse iryo bohero yaturiwe igihe M23 yari yegereje Goma: "Uwa kabiri yanyononye, yambwira ko ngerageje gutoroka anyica."

Orla Guerin wa BBC yaganiriye nabo, avuga ko uko biri kwose, iryo bohero ari icibutso c'abahapfiriye, icagiriji c'ababataye.

Ryaraturiwe, abagore barenga 130 baricwa, benshi bafashwe ku nguvu, igihe M23 yari yegereje Goma.
Insiguro y'isanamu, Ryaraturiwe, abagore barenga 130 baricwa, benshi bafashwe ku nguvu, igihe M23 yari yegereje Goma.