Ababa Bruxelles bavuga ko kwibuka biyubaka bibomora ibikomere vya genocide

Abacitse kw'icumu rya genocide bibukiye ku ncuro ya 31 mu kibanza c'icibutso kiri mu muji hagati wa Bruxelles
Insiguro y'isanamu, Abacitse kw'icumu rya genocide bibukiye ku ncuro ya 31 mu kibanza c'icibutso kiri mu muji hagati wa Bruxelles
    • Umwanditsi, Alain Majeste Barenga
    • Yakoze inkuru ari, Belgium
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abanyarwanda baba mu Bubiligi bahurikiye mu mashirahamwe y'abacitse kw'icumu rya genocide yo mu Rwanda bifadikanije n'abandi kwibuka imyaka 31 iyo genocide ibaye.

Umutekano wari ucunzwe bikomeye n'igipolisi cari kimeze magabo aho amayira agana hagati na hagati mu muji wi Buruseli muri komine ya Wolluwe Saint Pierre aho umuhango wo kwibuka wabereye imbere y'icibutso ca genocide kiri hagati na hagati mu muji, n'amayira agana ico kibanza yari yugawe.

Abacitse kw'icumu bababa ijana bari bashize ingori z'amashurwe kuri ico cibutso bongera bazirikana amwe mu majambo abibutsa ivyabaye mu 1994.

Muri uwo muhango wamaze isaha imwe gusa abawitavye bavuga ko kwicwa no kwicirwa ababo ataco bazira vyabatumye bikomeza mu bikorwa kugira bihe iteka bongere bacire imoso ubwicanyi n'imvugo z'urwanko.

Brigitte ni umwe muri bo, uwo munyarwandakazi arenza imyaka 40 amaze mu Bubiligi imyaka irenga 10 avuga ko ibikorwa vy'iterambere vyatumye bakira ibikomere basigiwe na genoside

'Iwacu muhira twari 11 barabishe bose, banyiciye basaza banje 6, bica abavyeyi banje bose, bica n'abandi baba muhira urumva ko nanje narokotse namaze imyaka ntabaho kubera agahinda, ariko nabonye ko umuti wo kurwanya abatumariye bacu ari kuja gukora tugatezimbere igihugu cacu, tugatezimbere n'abandi basigaye, raba ukuntu igihugu cacu kimeze nuko twahisemwo gukora twanka urwanko".

Ufoto y'umugore ahagaze
Insiguro y'isanamu, Brigitte ni umwe mu bacitse kw'icumu rya genocide, avuga ko ibikorwa vy'iterambere bituma badaheranwa n'agahinda k'ivyo baciyemwo

Brigitte avuga ko Abanyarwanda baba aho mu Bubiligi bafashe iyambere kandi vyabagabanirije ibikomere vyo kubura ababo naho batavyibagiye.

Yongerako ko ibikorwa vyabo vyatumye abakwiragiza imvugo z'urwanko babarabirako akarorero kandi ngo ntibarota bahagarika mu kurwanya genocide bisunze ibikorwa.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ivyo abihurizako na Eugene Twagiramutabazi arongoye ishirahamwwe Ibuka, ishami ryo mu Bubirigi.

Agira ati: "Twebwe twafashe iyambere mu kwibuka abacu twiyubaka, turakomeza abacikacumu ko bategerezwa kubaho bakabeshaho n'ababo, bagasiga iragi ryiza kuko abatwishe bibaza ko tuzozimangana ntana gato ni naco gituma muri twebwe harimwo abahinga, abarwizatunga, turakora ibikorwa bigaragara mu Rwanda, turashinga amashirahamwe, turafasha mw'iterambere ry'igihugu cacu, turatanga ikori".

Yongerako ko kubona aho Urwanda rugeze vyerekana ko abarokotse genocide bafashe ingendo yo kubaho no kubeshaho ababo, kuko kurokoka ni ikimenyetso kigaragaza ko 'dutegerezwa kubaho kandi turwanya ko ivyatubayeko bitosubira kw'isi'

Muri ivyo Birori icibonekeje n'uko abaserukira ibihugu vyabo mu Bubiligi bahora baza kubwinshi uno mwaka batahahonyoje ikirenge; eka mbere n'abanyepolitike b'ababiligi bagizwe ahanini n'abashingamateka n'abashikiranganji muri leta y'Ububiligi bahora baza kubwinshi nta n'umwe yahabonetse. Uretse abategetsi bake ba commune ya Wolluwe Saint Pierre hari icibutso ca bazize genocide