Agahungu kamaze iminsi itanu konyene mw'ishamba ry'ibikoko

Agahungu kamaze iminsi itanu konyene mw'ishamba ry'ibikoko
Yatangajwe

Inyuma ya Noel, 26-12-2024, Tinotenda Pudu k'imyaka 8 karazimiye, kagiye kuragira.

Ako gahungu kari kagenze 7km imbere yo kuzimirira mw'ishamba ricimeza rya Matusadona.

Muri iryo shamba ryo muri Zimbabwe, haharugwamwo intare 40, ingwe 4 n'inzovu 480.

Ivyo yabibayemwo gute ko yatowe umunsi ugira 5?