DR Congo: Umurwi w'abitwaje ibirwanisho wagandaguye abarenga 50 muri Ituri

Ahavuye isanamu, Getty Images
Abantu nibura 50 barishwe n'abitwaje ibirwanisho mu ntara ya Ituri iri mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, nk'uko vyemezwa n'abategetsi b'akarere.
Ku wa kabiri Jean Vianney umukuru wa segiteri ya Djaiba yavuze ko inyeshamba z'umurwi CODECO ni zo zakoze iki gitero ku wa mbere, aho baturiye amazu yuzuye abantu, bongera batera bakoresheje inkoho n'imipanga, barasahura, bafata ku nguvu abagore n'abakowa.
"Hari abantu bakomeretse, abandi benshi bahira mu mazu gushika barapfa", niko Vianney abivuga, agasigura ko abamaze kumenyekana ko bapfuye ari 51, ariko ko igitigiri gishobora kwiyongera.
Floribert Byaruhanga, umunyamategeko wa teritware ya Djugu, na we nyene atanga igitigiri gihakwa kungana n'ico, 52, akavuga ko harimwo n'abana 18.
Umuvugizi w'igisirikare muri iyo ntara, Jules Ngongo, avuga ko abasirikare bagerageje gutabara ariko ko bahashitse akaba kabaye, ataco bagikiza.
Yabwiye itororokanirizo Reuters kuri terefone ati: "Ivyabaye kuri segiteri ya Djaiba birateye agahinda uravye abanyagihugu bacu bapfuye, kandi turavyiyamirije twivuye inyuma".
Igitero kw'ikambi y'abateshejwe izabo carateshejwe
Mw'ijoro ry'imbere y'aha, inyeshamba kandi zari zakoze igitero kw'ikambi y'abateshejwe izabo imbere y'uko zisubizwa inyuma n'ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro, MONUSCO, zikorera mu karere.
CODECO ni umwe mu buhojojo bw'imirwi yitwaje ibirwanisho irwanira ubutaka n'amatungo kama mu buseruko bwa Repubulika ya Demokarasi ya Congo, ikaba ikunze kwizizira amakambi y'abateshejwe izabo.
CODECO ni umurwi w'abitwaje ibirwanisho bo mu bwoko bw'Aba-Lendu, muri kahise bakaba bagiye bagirizwa ibitero vy'ubugome, ku banyagihugu bo mu bwoko bw'Aba-Hema muri iyo ntara ya Ituri.
Mw'itangazo, umuvugizi w'ingabo za ONU zijejwe kubungabunga amahoro Jean-Tobie Okala avuga ko izi ngabo zijejwe kubungabunga amahoro zashoboye gukingira aba banyagihugu bateshejwe izabo bari muri iyo kambi.
Okala yongerako ati: "Ariko bararengerwa, cane cane iyo inyeshamba ziteye ari nyinshi cane, nk'uko vyagenze mw'ijoro ryakeye [igihe zatera ibigwati vyegereye aka karere]".
Intambara nyinshi zihanze Congo, cane cane mu ntara za Kivu hafi ya Ituri
Ituri, intara iri hirya cane mu buseruko bwa Congo, iri ku birometero biharurwa mu bihumbi uvuye ku mugwa mukuru Kinshasa.
Igihugu kimaze imyaka hafi 30 gihanzwe n'indyane zitandukanye, imigumuko n'amatati yo hagati mu kibano. Bivugwa ko abantu barenga imiriyoni 7 bahungiye hagati mu gihugu.
Ituri iri kandi mu buraruko bw'intara za Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, akarere kageramiwe n'intambara zikomeye hagati y'inyeshamba za M23 ONU ivuga ko zifashwa n'u Rwanda - ivyo ruhakana - hamwe n'igisirikare ca reta ya Congo.
Inyeshamba za M23 zimaze kwigarurira uduce tutari duto twuzuye ubutare mu karere k'ubuseruko bwa Congo kuva zisubiriye gutanguza intambara mu mpera za 2021, mu misi iheze hakaba haheruka intambara zikomeye cane.
Inyuma y'imisi itatu habaye inama y'akarere i Dar es Salaam muri Tanzania, aho abategetsi b'ibihugu bigize amashirahamwe EAC na SADC basavye ko intambara zihagarara ata kirinze gusabwa gushika ku wa kane, intambara zarasubiye kwaduka ejo ku wa kabiri, nk'uko amakuru ava mu karere abivuga.













