Intambara ya Ukraine n'Uburusiya: Trump na Putin bitezwe gutangura ibiganiro kuri uyu wa kabiri

Putin na Trump
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Ibinyamakuru bitari bike muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika no mu Burusiya biriko bivuga ko ibiganiro vyo kurangiza intambara yo muri Ukraine bizotangura kuri uyu wa kabiri ku mugwa mukuru wa Arabia Sawudite, Riyadh.

Umushikiranganji wa Amerika ajejwe imigenderanire Marco Rubio, intumwa idasanzwe mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati Steve Witkoff hamwe n'umujenama mu vy'umutekano Mike Waltz bose bari mu rugendo muri ico gihugu co mu Kigobe c'Abarabu mu nteguro z'ibi biganiro.

Umushikiranganji w'Uburusiya ajejwe imigenderanire Sergei Lavrov hamwe n'umujenama wa Perezida Vladimir Putin, Yuriy Ushakov, na bo nyene bitezwe muri Arabia Sawudite kubonana n'aba bategetsi ba Amerika, nk'uko bivugwa n'ibinyamakuru vya reta y'Uburusiya.

Ni inyuma y'aho Perezida Donald Trump avugiye ko yiteze kubonana na Vladimir Putin "ubu bwa vuba".

Ukraine ntitumiwe muri ibi biganiro vy'i Riyadh – ikintu cateje impungenge abategetsi ba Bulaya – Rubio avuga ko bazoba bari mu biganiro "nyezina" ari nka hamwe vyotangura, ariko agashimangira ati "ntiturashika kuri uru rwego".

None Ukraine yipfuza iki mu masezerano y'amahoro?

Ukraine ishaka ko isubizwa ubutaka bwose bwigaruriwe n'Uburusiya kuva mu 2014, kandi ko yinjizwa mu runani OTAN/NATO rwo kwivunira umwansi hamwe ruhurikiyemwo ibihugu vy'Uburengero.

Ishaka kandi ko ibihugu bihurikiye muri uru runani biyifasha mu vy'umutekano wayo w'igihe kirekire, aha cane cane ikaba ishobora kuba irondera ko biyiha ingabo canke ibirwanisho.

Hagati aho, mu gihe Amerika imbere y'aha yari ishigikiye ibi vyipfuzo, ubutegetsi bwa Trump bwobwo ntibubibona neza.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umushikiranganji wo kwivuna abansi, Pete Hegseth, avuga ko ivyo gusubira ku mbibe za Ukraine z'imbere ya 2014 ari ikintu "kidashoboka" kandi ko n'ukwemerera Ukraine kwinjira muri OTAN nka kimwe mu bintu bishobora gushikwako muri ibi biganiro ari ikintu kidashoboka naco nyene.

Avuga ko ingabo za Amerika ata ruhara na rumwe zizogira mu nteguro z'igihe kirekire zijanye n'umutekano wa Ukraine.

Incuti za Ukraine ku mugabane wa Bulaya zozo zibibona ukundi – ariko Amerika ni co gihugu ca mbere giha Ukraine imfashanyo nyinshi gusumba ibindi bihugu vyose gushika ubu, yaba iy'amahera canke iya gisirikare.

Rubio avuga kandi ko atiteze ko ibi biganiro bishobora gushoka birangiza iyi ntambara.

"Ibiganiro bishikana ku mahoro si ikintu c'umubonano umwe", niko yabwiye ikinyamakuru CBS gikorana na BBC muri Amerika.

Hagati aho, Perezida Volodymyr Zelensky abandanya avuga ko adashobora kwemera amasezerano yoshikwako mu biganiro Ukraine itotumirwamwo, aho ejo ku wa Mungu yabwiye imboneshakure NBC yo muri Amerika ko adashobora "kwemera ingingo izo ari zo zose hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya kuri Ukraine, ntibishoboka".

Hagati aho, imbere y'aha, Zelensky yari yasavye ko hoshingwa "igisirikare c'Ubulaya" mu gihe impungenge zigenda ziyongera z'uko Amerika ishobora kutazosubira gutabara uno mugabane.

Mw'ijambo ryiwe yashikirije ku wa gatandatu mu nama y'umutekano yabereye mu gisagara ca Munich, Zelensky yavuze ko icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika JD Vance atomora neza ko ubu bucuti bumaze imyaka n'imyaka hagati y'Ubulaya na Amerika buriko "burarangira", ko rero ari nkenerwa ko uno mugabane witunganya kuri iki kibazo.

Ati: "Reka tuvuge ukuri. Ubu ntidushobora kwirengagiza ko Amerika yoshobora kubwira Ubulaya iti 'oya' ku kibazo ico ari co cose coba kiyigeramiye. Abategetsi benshi cane baravuga ko Uburaya bukeneye igisirikare cabwo bwite – igisirikare ca Bulaya".

Ariko iki ciyumviro nticakiriwe neza n'abategetsi ba Bulaya, aho nk'akarorero umushikiranganji w'imigenderanire wa Pologne n'ayandi makungu Radoslaw Sikorski yavuze mu kiganiro yagiranye n'imboneshakure imwe ko atavyo "guhuza ibisirikare vy'igihugu" biriho.

"Ariko namye mparanira Ubulaya, Ubumwe bwa Bulaya, kugira ngo butegure uburyo bwabwo bwo kwivuna umwansi", niko avuga, akongerako ariko y'uko ingabo za Pologne zidashobora kuja kurwana muri Ukraine.

Ibi biri uko mu gihe ku mugwa mukuru w'Ubufaransa, Paris, hitezwe inama y'abarongoye ibihugu vya Bulaya kugira ngo bavugane ku bijanye n'ivyo kwivuna abansi, intambara ya Ukraine hamwe n'ukungene amasezerano yo guhagarika intambara ashobora kuba ameze.

Iyi nama yateguwe gihutihuti kubera uno mubonano hagati y'abategetsi ba Amerika n'Uburusiya, ikaba yitezwe kwitabirwa n'abategetsi b'ibihugu batari bake ba Bulaya harimwo Ubwongereza, Ubufaransa, Ubudagi, Ubutaliyano, Pologne, Espagne na Danemark, hamwe kandi n'abaserukira Inama nkuru ya Bulaya n'urunani OTAN.