''N'aho bonca umutwe sindota mpeba politike''- Paul Rusesabagina

Paul Rusesabagina mu kiganiro n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi bw'Urwanda i Bruxelles, Belgique  Nyakanga 2024

Ahavuye isanamu, Alain Majesté Barenga

Insiguro y'isanamu, Paul Rusesabagnina avuga ko atari yahevye poritike yari yafashe 'akaruhuko gusa'
    • Umwanditsi, Alain Majesté Barenga
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bruxelles
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umunyepolitike Paul Rusesabagina atavuga rumwe na leta y’Urwanda avuga ko agiye gutanguza urunani runini rw’abo bose batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda kugira bahindure ubutegetsi muri ico gihugu.

Ivyo Paul Rusesabagina yabivugiye mu kiganiro yaremesheje mu mpera z’indwi iheze i Bruxelles ku murwa mukuru w’Ububiligi, ikiganiro cari citabiriwe ahanini n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’Urwanda bashika hafi 100 baje bava mu bihugu bitandukanye vya Bulaya.

Rusesabagina ni umunyarwanda asanzwe aba muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika yamenyekanye cane mu nzira ubutegetsi bw'Urwanda budahurizako n'amakungu.

Aho ikiganiro cabereye muri imwe mu ma hoteli akomeye y’I Bruxelles, umutekano wari ucungerewe bikomeye n’abayoboke biwe bari barikanuye. Uwinjira wese yategerezwa kwerekana ubutumire, akavuga n’uwamutumiye. N’abamenyeshamakuru bategerezwa kwerekana uwabatumiye.

Mu kiringo c’amasaha abiri, Paul Rusebagina yabwiye abatumire biwe ko uko bigenda kwose urunani rushasha rw’abatavuga rumwe na leta y’Urwanda rugiye kuvuka kandi ruzokoresha inzira zose kugira intwaro ihinduke mu Rwanda.

Yishura ku kibazo c’umwe mu bitabiriye ico kiganiro ku buryo yipfuza ko urwo runani rwokora bitandukanye n’ivyo abandi barwanya leta y’Urwanda bakora yagize ati:

“Njyewe, muzi ko bamfunze babanje nkunshimuta, bakankorera iyica rubozo …baranyishe Imana ikinga akaboko, ubu rero n’iyo banca umutwe sinarota ndeka politike kandi nicyo gituma ubushobozi bwose bw’inzira y’ibiganiro, y’amatora, n’umuheto ni byaba ngombwa, tuzabikoresha kandi mu minsi iza turatangira plateforme[ihuriro] ryacu kandi muzabona ko dufite ingufu ziruta [iz’] abandi bose.”

Sinari nahebye politike...nagombye gufata congé

Paul Rusebagina yari yamenyesheje ko avavanuye n’ivya politike igihe yapfungurwa na leta y’Urwanda abanje guhabwa imbabazi na prezida Paul Kagame abisabwe na Reta Zunze Ubumwe za Amerika n’ibihugu vya Bulaya mu biganiro vyari bihagarikiwe n’igihugu ca Qatar.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko inyuma y'ico kiganiro yabwiye BBC Gahuzamiryango ko kari akaruhuko gasanzwe.

“Ubusanzwe sinari naretse politike, uretse ko hari ibyo bantegetse. Njyewe nagombye gufata congé [akaruhuko] mu bya politike kugira nduhuke naburya bari banyishe rubozo muri gereza, byabaye ngombwa ko mfata congé gato, ubu rero ndajye kugira ngo mpangane n’ubutegetsi bwa Kigali bicyiye muri iyi platforme [ihuriro].”

Paul Rusebagina ariko yirinze kuvuga izina rishasha ry’urwo runani rw’imigambwe n’abazoba barugize naho yemeje ko rugizwe n’abatavuga rumwe na leta y’Urwanda b’imbere mu gihugu hanze yaco.

“Turi kumwe n’abanyepolitike bari mu Rwanda ariko ntabo mbabwira kubw’umutekano wabo ... n’abari hanze bose batavuga rumwe na leta y’u Rwanda turi kumwe, kandi vuba muramenya izina ryacu.”

Ku kibazo nimba iryo huriro ry’abatavuga rumwe na leta y’urwanda bazokoresha inzira y’amatora kugira bashike ku butegetsi, Paul Rusesabagina mw’ijwi riri hejuru yavuze ko inzira zose zishoboka.

“Ibyanze mu mashyi biba ngombwa ko ushyira mu ngufu, ariko intego yacu ni inzira ya demokarasi n’ibiganiro kandi turi benshi, ni ukuvuga ko Abanyarwanda bakeneye ko twabacungura kandi vuba turabigeraho.”

Rusebagina yarangije avuga ko azi neza ko yogirirwa nabi na leta y’Urwanda kubera urwo runani aho yerekanye amakenga ko ashobora kwicwa, ariko yemanze avuga bitamuteye ubwoba kuko azi ko ashigikiwe haba imbere mu Rwanda n’inyuma yarwo.

Paul Rusebagina w’imyaka 70 yamenyekanye cane mw’ireresi Hotel Rwanda yagaragaza ubutwari yagize mu kurokora abahutu n’abatutsi barenga 1000 bari bahungiye mw'ihoteli Hotel des Milles Collines mu gihe ca jenoside yo mu 1994 mu Rwanda. Iyo reresi yatumye aronswa ubushimwe atari buke harimwo n’umudali yambitswe mu 2005 na prezida wa Amerika w’ico gihe George W. Bush, umudali w’ikirenga witiriwe intwari (Medaille presidentielle de la liberte) kamwe mubushimwe bwa mbere buhabwa abasivile muri Amerika.

Yamara leta y’Urwanda ivuga ko ivyavuzwe muri iyo reresi harimwo gushikuza .

Paul Rusebagina yahavuye aja mu batavuga rumwe na leta ya FPR Inkotanyi mu 1996, ahungira mu Bubiligi aho yashinze imigambwe myinshi itavuga na leta y’urwanda nka PDR Ihumure.

Ku wa 31 ukwezi kw’umunani 2020, yisanze yashikanywe mu Rwanda avanywe i Dubai muri Leta Zunze Ubumwe z'Abarabu, mu gihe we yari azi ko indege imujanye mu Burundi, ivyo we yise kunyuruzwa [gushimuta].

Ku wa 20 Nyakanga(9) 2021, yaraciriwe umunyororo w’imyaka 25 yagirijwe ivyaha vy’iterabwoba. Ariko mu kwezi kwa gatatu mu 2023 yararekuwe ku kigongwe c’umukuru w’igihugu c’Urwanda Paul Kagame, aca aja muri Amerika iyo yari asanzwe aba.

Afise n’ubwenegihugu bw’Ububiligi.

Ivyaranze urubanza rwa Rusesabagina