Madagascar: AbaGen Z bashavujwe n'ingene uwatembagaje intwaro yagenye umushikiranganji wa mbere

Ahavuye isanamu, AFP
- Umwanditsi, Majid Mohamed
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Indongozi z'umuhari w'urwaruka rwa Gen Z (Generation Z) wakoze imyiyekano muri Madagascar ikaba intandaro yo gutembagaza intwaro ya Perezida Andry Rajoelina, uvuga ko udashima umushikiranganji wa mbere yagenywe n'umukuru w'igihugu mushasha.
Col Michael Randrianirina yatembagaje ubutegetsi mu ndwi iheze aca arahira nk'umukuru w'igihugu ku wa gatanu.
Ku wa mbere yagenye umugwizatunga Herintsalama Rajaonarivelo nk'umushikiranganjni wa mbere. Ariko mw'itangazo kuri Facebook, umuhari Gen Z Mada wavuze ko iryo genwa ryabaye "mu buryo budaciye ku mugaragaro" kandi "hatabaye kugisha inama".
Gen Z Mada yongeyeko ko iyo ngingo "iteye kubiri no kurondera impinduka z'ingene igihugu gitunganijwe" abagiye mu myiyerekano barondera.
Urwo rwaruka rusaba kumenya ingene Rajaonarivelo yagenywe bivanye n'ibivugwa ko afise aho ahuriye na reta yahahora.
"Ivyo duharanira ntituzokwemera ko hari abavyigarurira. Urwaruka rwa Madagascar rurabibona kandi ruguma ruhimirizanya", niko Gen Z Mada yavuze.
Imyiyerekano yo muri Madagascar yandurutse kw'icikagurika ridahera ry'amatara n'amazi, iramaze hafi ukwezi itanguye.
N'aho yari irongowe n'urwaruka, yarakweze iyindi mice y'abanyagihugu, mu nyuma iraguka isaba ko haba impinduka za politike.
Akamo ka Rajoelina ko haba ibiganiro karananiwe gutururuza imyiyerekano, mu nyuma umukuru w'igihugu arahava aja kwinyegeza. Vyavuze cane ko yahunze igihugu aja mu mahanga.
Haraheze indwi, Col Randrianirina, umukuru w'ishami bitumwako mu ngabo CAPSAT, yaciye amenyesha ko igisirikare cafashe ubutegetsi.
Amaze kurahira yambaye impuzu zisanzwe (zitari iza gisirikare) ku wa 17 Gitugutu (10) yashimiye urwaruka rwihereje amabarabara.
"Ku bantu bafise ishaka, barondera impinduka... ubu twuguruye duhimbawe ikigabane gishasha mu buzima bw'igihugu cacu", niko yavuze.
Gen Z Mada ntiyavuze neza na neza ico izokora hamwe ingingo ya Rajaonarivelo yo kugena umushikiranganji wa mbere itosigurwa canke ngo isubirwemwo, ariko uwo muhari uramenyesha utarya umunwa ko uzobandanya gukurikiranira hafi ibikorwa vy'iyo ntwaro nshasha.
"Ntizokwemera ko ingendo zananiwe muri kahise zibandanya mu buryo bushasha", niko itangazo rya Gen Z rirangiza rivuga.













