Afrika y'Epfo yatumiye Zelensky kugirayo urugendo rw'igihugu

    • Umwanditsi, Khanyisile Ngcobo
    • Igikorwa, BBC News, Johannesburg
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Afrika y'Epfo yimirije kwakira umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky mu rugendo rw'igihugu, nk'uko vyemejwe n'umukuru wa Afrika y'Epfo Cyril Ramaphosa, n'ubwo ata munsi nyezina yatanze.

Ubwo butumire bushitse inyuma y'indwi yaranzwe n'ikumirwa rya Ukraine mu biganiro vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika n'Uburusiya mu kurondera ingene horangira intambara imaze imyaka itatu muri Ukraine.

Mu kiganiro kuri terefone, Ramaphosa na Zelensky ''bahurije ku kuba bikenewe vyihuta ko haba ibiganiro birimwo impande zose'', nk'uko biri mw'itangazo ry'ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Afrika y'Epfo.

Afrika y'Epfo, muri kahise yagirijwe kuba ifitaniye ubucuti n'Uburusiya gusumba, yaragerageje gufasha kurangiza intambara.

Mu 2023, Ramaphosa yaratwaye intumwa zarimwo abakuru b'ibihugu indwi, birimwo Misiri, Senegal, Zambia na Uganda, zija kubonana na Zelensky n'umukuru w'Uburusiya Vladimir Putin.

Afrika y'Epfo isanganywe imigenderanire ya kera n'Uburusiya, kandi ibihugu vyompi bihurira mu mugwi wa Brics - ishirahamwe ry'ibihugu vy'ubutunzi buriko buraduga ririmwo na Bresil, Ubuhindi n'Ubushinwa.

Ramaphosa, yanditse kuri X ati: ''Ndashima ikiganiro cubaka twagiranye na Perezida [Zelensky] kandi niteguriye kumwakira vuba mu rugendo rw'igihugu.''

Zelensky, ku ruhande rwiwe, yavuze ko yashimiye Ramaphosa ku kuba ''Afrika y'Epfo ishigikiye ubutavogerwa bw'igihugu ca Ukraine'' muri ico kiganiro. ''Twese turizeye gushika ku mahoro abereye kandi arama muri uyu mwaka,'' nk'uko yongeyeko.

Ramaphosa na Zelensky bagumye bavugana kuva Uburusiya bugavye igitero ku gihugu cose ca Ukraine mu 2022 - kandi barabonanye amaso mu yandi - ariko n'ubwo Zelensky yari yarifuje kugira urugendo rw'igihugu muri Afrika y'Epfo, nta cari bwakorwe kugira ivyo bibe gushika ubu.

Uwo mukuru wa Ukraine mu kwezi kwa Kigarama (12) yarerekanye ko yifuza kugira urugendo muri Afrika y'Epfo igihe yariko aravugana n'abamenyeshamakakuru mw'ikoraniro mpuzamakungu ku vyo kurya, nk'uko vyandikwa n'ikinyamakuru co muri Afrika y'Epfo News24 gica ku rubuga rwa internet.

''Nonezerwa no kuza i Pretoria, ariko murabanza mubaze Ramaphosa kuko umenga ni we afise akazi kenshi, '' niko yabwiye ico kinyamakuru.

Dr Oscar van Heerden, yihweza ivya poritike kuri kaminuza ya Johannesburg, yashimye urwo rugendo rutegekanijwe nk'''iciyumviro ciza cane'' ca Afrika y'Epfo - kuko uretse ko biha Ukraine akaryo ko gushikiriza abiyiraje ishinga mu gihe hariko haraba ibiganiro vya Amerika n'Uburusiya, bitanga kandi ubutumwa butari buke mu makungu yose''.

''Ramaphosa aho yahagiriye ubwenge kuko [Perezida wa Amerika Donald] Trump ashobora gushaka gufata Afrika y'Epfo nk'igihugu gito ariko turashobora kwerekana ko dushobora gukora ivyo ku rugero mpuzamakungu.''

Yongerako ko Zelensky ashobora kwishimikiza Afrika y'Epfo kubera imigenderanire ico gihugu gifitaniye n'Uburusiya hamwe n'uruhara nk'''umuhuza atabesha'' ata nyungu afise muri iyo ntambara.

Zelensky akomeje kuvugana n'abategetsi batandukanye kw'isi mu gihe icuka kiguma kiba kibi hagati ya Ukraine na Amerika, kimwe mu bihugu vyari bishigikiye cane Ukraine.

Ibintu vyunyutse kurusha muri iyi ndwi igihe Trump yagiriza Zelensky ko ari ''umutegetsi atatowe'' yakoze ''igikorwa kibi cane''.

Ubwo butumire bushitse kandi mu gihe n'icuka hagati ya Afrika y'Epfo na Amerika atari ciza cane. Reta ya Trump iherutse guhagarika imfashanyo ico gihugu cahora giha Afrika y'Epfo biturutse kw'itegeko rishasha rigenga ingene umuntu ashobora kwakwa itongo.

Ramaphosa yavuze ko igihugu ciwe ''kitazokwemera gukankamirwa''.