Sokwe niruze muri CNL: Abo Rwasa yahagaritse nabo bamuhagaritse

Sokwe niruze muri CNL: Abo Rwasa yahagaritse nabo bamuhagaritse
Yatangajwe

Ibibazo bibandanya kwiyongera mu mugambwe CNL utavuga rumwe na leta y'u Burundi, mu gihe indongozi cumi n'imwe zaheruka guhagarikwa n'umukuru w'uwo mugambwe, Agathon Rwasa, nazo zasohoye itangaze zivuga ko zihagaritse Bwana Rwasa.

Banagenye Simon Bizimana, asanzwe ari umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNL, ngo abe ari we arongora uwo mugambwe vy'imfatakibanza.

Izo ndongozi 11 zahagaritswe n'umukuru w'umugambwe, Agathon Rwasa, azagiriza kuba zitakirangura amabanga y'umugambwe, mu gihe izo ndongozi nazo zimwagiriza kuba ayobora umugambwe nabi, ashira imbere inyungu ziwe gusa.

Hagati aho, impande zombi zivuga ko zisunga amategeko y'umugambwe CNL mu gufata ivyemezo.

Prudent Nsengiyumva yavuganye n'uwuserukiye indongozi 11 zahagaritswe na Agathon Rwasa, akaba yahoze ari n'umuvugizi wa CNL, Terence Manirambona, atangura amubaza icatumye bafata iyi ngingo yunyuye ibintu mu mugambwe (umva ico kiganiro aho hejuru).

Simon Bizimungu we avuga ko umukuru wa CNL akiri Agathon Rwasa

Ariko uwagenywe n'izi ndongozi zahagaritswe, Simon Bizimungu, yabwiye BBC ko abafashe ico cemezo batazi amategeko y'umugambwe ingene atunganijwe.

Yemanze ko gushika ubu Agathon Rwasa ari we akiramutswa uwo mugambwe, kuko kumusubiriza bitegerezwa guca mw'ikoraniro ridasanzwe.

Prudent Nsengiyumva yavuganye kandi na Simon Bizimungu, atangura atera ivyatse iki cemezo c'izi ndongozi (umva ico kiganiro aho hejuru).

Agathon Rwasa

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Abashigikiye Agathon Rwasa bavuga ko ari we akiramutswa umugambwe CNL