Intambara ya Gaza: Benjamin Netanyahu avuga ko Israel iriko irabona amahano akomeye

Yatangajwe

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu avuga ko uruhande rwiwe ruriko “rurahabonera amahano akomeye” mu ntambara yo muri Gaza.

Igisirikare kivuga ko ingabo zaco zishika 15 ziciwe muri ako karere kuva ku wa gatanu, ibituma igitigiri c’abasirikare bamaze gusiga ubuzima muri ino ntambara yo ku butaka bagera kuri 154.

Umusi wa gatandatu ni wo wabaye umwe mu misi yapfiriyeko benshi – ariko umushikiranganji wa mbere avuga ko ata “kundi” bogira atari ukubandanya intambara.

Hagati aho, ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu mu butegetsi bwa Hamas muri Gaza butangaza ko abantu 70 bagandaguriwe mu gitero cakozwe kw’ikambi y’impunzi ejo ku wa Mungu.

Ubu bushikiranganji bumenyesha ko abantu barenga 20.000 bamaze kwicwa – abenshi muri bo bakaba ari abagore n’abana, 54.000 nabo bakaba bamaze gukomereka muri Gaza kuva ku wa 7 Gitugutu (10).

Kuri aba basirikare ba Israel baherutse gupfa, Netanyahu yavuze ati: "Iki ni igitondo kigoye, inyuma y’umusi ugoye w’intambara muri Gaza".

Ariko avuga ko ingabo ziwe zizobandanya intambara “n’inguvu zose gushika ku mpera”, aho ashimangira ku ntego ziwe zo gutuza Hamas no kubohoza abanyururijwe muri Gaza.

Yongerako ati: "Reka tubitomore neza: iyi izoba intambara ndende”.

Urupfu rw’umusirikare agira 154 rwatangajwe nijoro: umukuru w’ingabo zirwanisha ibimodoka vy’intambara Majoro Aryeh Rein.

Mu rindi tangazo ryasubiwemwo n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters, igisirikare gitangaza ko kimaze kwica abarwanyi b’Abanya-Palestina 8000 mu rugamba rwaco gushika ubu.

Israel yatanguye intambara inyuma y’aho abarwanyi ba Hamas bajabukiye ububibe bavuye muri Gaza bakinjira mu bumanuko bwa Israel ku wa 07 Gitugutu, bakica abantu 1200 bakongera kabanyuruza abababa 240.

Israel ishimangira ko ifata ingingo zo gukingira abasivire, ikaba yagiriza umuhari Hamas ko winyegeza mu duce tubamwo abantu benshi.

Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika – incuti ikomeye ya Netanyahu – ashimangira ko ari “nkenerwa cane” gukingira ubuzima bw’abasivire, hari mu kiganiro kuri terefone n’umushikiranganji wa mbere ku wa gatantatu, nk’uko bivugwa na Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika).

Biden yabwiye abanyamakuru ko muri ico kiganiro atasavye ko intambara ihagarara. Aba bategetsi bompi babona ko ihagarikwa ry’intambara ryoha akarusho Hamas.

Ku wa gatanu, Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi yaremeje icemezo gisaba ko imfashanyo nyinshi zokwinjira muri Gaza – ariko n’iki cemezo nyene nticashoboye gusaba ko intambara ihagarara hagati y’impande zishamiranye.

Ibiganiro vyabereye mu Misiri mu ntango z’indwi iheze vyarondera akandi gahengwe hagati ya Israel na Hamas gushika ubu ntaco vyashitseko.

Umutegetsi wa Palestina yegereye ibi biganiro vyo kurondera agahengwe yabwiye BBC ko Misiri yatanze iyindi nteguro nshasha iri mu mice itatu yotangurwa n’agahengwe k’indwi zibiri - gashobora kwongerezwa – aho Hamas yotegerezwa kurekura abanyurujwe 40 Israel na yo ikarekura impfungwa z’Abanya-Palestina 120.

Iki gihe cokurikirwa n’ishingwa ry’umurwi wigenga wokwiga ibijanye n’ibikorwa vy’ubutabazi no gusanura, hamwe n’ihagarikwa ry’intambara burundu hamwe no guhanahana impfungwa.

Igisirikare ca Israel kirabandanya gicucagira ibibombe kuri Gaza – kigahamagarira abasivire guhunga.

Ku wa gatandatu, Israel yavuze ko abarwanyi 700 b’Abanya-Palestina ari bo bamaze guhagarikwa gushika ubu kuva itanguye ibitero vyo ku butaka.

Kivuga kandi ko indege z’intambara zaco zishe Hassah Atrash yagirizwa kwinjiza ibirwanisho muri Gaza bigenewe Hamas. Hamas ntiremeza iyi nkuru.

Igisirikare ca Israel kivuga ko ubu ari co kigenzura akarere hafi kose k’uburaruko bwa Gaza, kandi ko congereje ibitero mu tundi turere.

Umuvugizi avuga ko ingabo ziriko ziramenera mu bindi birindiro vya Hamas mu turere two mu bumanuko.

Avugana na reta yiwe ejo ku wa Mungu, Netanyahu yahakanye amakuru avuga ko Perezida Biden yamugondoje ko atokwagura ibitero.

Ikinyamakuru Wall Street Journal candika ko Netanyahu yasabwe kudatera umuhari ucuditse na Hamas muri Libani, Hezbollah.

Umuvugizi wa reta yabwiye BBC ko “ibintu mu buraruko……… vyifashe nabi cane” kandi ko Israel yariko “igerageza kuzibira Hezbollah kugira ngo ntitwinjize mu ntambara”.

Yongerako ati: "Tuzobandanya twitegura uko bikenewe kugira ngo twigizeyo igitero comenera ku rubibe rwo mu buraruko”.