Vatican: Papa Francis atera akamo ko gusabira uwo yasubiriye Benoit XVI ‘arwaye cane’

Ahavuye isanamu, Vatican Pool
Na Paul Kirby
BBC News
Papa Francis avuga ko uwahoze ari Papa Benoit XVI (Benedict XVI) arwaye cane, aca asaba abari mu rugendo rweranda i Vaticano kumusabira.
Benoit XVI w’imyaka 95, yabaye indongozi ya mbere ya Ekleziya Katorika atanze imihoho mu myaka 600 mu 2013 kubera ubusaza.
Mu kiganiro ca Papa kirangiza umwaka, yasavye abantu “gutegura igisabisho kidasanzwe co gusabira Papa Benoit”.
Mu nyuma Vaticano yavuze ko amagara y’uyu yahoze ari Papa yifashe nabi mu masaha aheze.
Umuvugizi Matteo Bruni ati: "Ibintu bibandanya bikurikiranirwa hagufi, abaganga baguma bamukirikirana”.
Papa Francis yavuze ibi igihe yashikiriza ijambo abari mu ngoro Paul VI y’ i Vaticano, aho yasomye ku gapapuro agaca avuga ivyerekeye amagara ya Benoit atera amera nabi.
Mu nyuma yahavuye ava muri iyo ngoro atera aja mu kibanza ca Vatican Gardens kuraba Benoit mu kigo c’abihebeye Imana ca Mater Ecclesiae ari naho asanzwe aba kuva atanze imihoho.
Mu ntango za kuno kwezi, Papa Francis yamenyesheje ko yaguma aja kuraba uwo yasubiriye.
Igihe avuga ko Benoit ari “umweranda” akaba n’umuntu w‘ukwemera kwinshi, yavuze ko uyo yahoze ari Papa ari incabwenge kandi atwenza.
Uyu yahoze ari Papa yagiye atoroherwa mu kuvuga mbere mu myaka ibiri iheze, Kardinali wa Malta/Malte yavuze ko Benoit yabwiye abakardinali bashasha ko “Umukama yantwaye ijwi kugira ngo ampe akaryo ko kwishimira agacerere”.
Papa Francis yabwiye ikinyamakuru co muri Espagne ABC ati: "Avuga buhoro buhoro, ariko arakurikirana ivyo uriko uravuga”.
Abakardinali mu mpande z’itandukanye z’isi bifatanije na Papa Francis mu gusabira uwo yasubiriye.
Kardinali Robert Sarah wo muri Guinea, umutegetsi wo ku rwego rwo hejuru wa Ekleziya w’umunyafrika i Vaticano gushika mu mwaka uheze, yanditse ati: "Muri ibi bihe bitoroshe kandi bikomeye, tuje hamwe mu gisabisho dusabire uyu yahoze ari umu Papa wacu dukunda”.
Igihe Papa atwara abakardinali bashasha kugira bamuramutse mu kigo c’abihebeye Imana ca Mater Ecclesiae muri Myandagaro (8), Benoit yaboneka ko yari arushe ariko arabakora mu minwe bose kandi yifatanya nabo.
Benoit XVI yari afise imyaka 85 igihe muri Ruhuhuma (2) 2013 atangaza abakatorika kw’isi yose mu gutanga imihoho, haciye imyaka idashika umunani atowe ngo abe Papa nka Kardinali Joseph Ratzinger.
Kuva Papa Geregori XII atanze imihoho mu mwaka wa 1415 nta wundi mupapa yari bwigere atanga imihoho.
Benoit niwe yayoboye imisa yo gusabira uwo yasubiriye, Yohani Paulo wa Kabiri.
Yabaye umupapa agize umunani w’Umudagi, akaba yari azwi nk’umuntu agendera ku mico ya kera.
Ariko ikiringo ciwe nk’umupapa caranzwe n’ibikorwa bitari vyiza, harimwo abapatiri bashurashuza abana. Ivyegeranyo bibiri vyo mu 2009 vyerekanye urugero rw’ingene abana b’abahungu basambanijwe n’ingene Ekleziya yo muri Irlande yabakingiye ikibaba – mu nyuma biza kugaragara ko abapatiri hafi 400 birukanywe na Benoit mu 2011 na 2012.
Icakora, mu ntango z’uno mwaka uyu yahoze ari Papa yaremeye ko habaye amakosa mu gukemura ibibazo bijanye n’ihohotera rishingiye ku gitsina igihe yari musenyeri mukuru wa Munich kuva1977 gushika 1982.
Itohoza ryo mu Budagi ryasabwe na Ekleziya ryasanze yarananiwe no gufata ingingo ku vyaha bine. Benoit yarahakanye ko ata caha yakoze, ariko asaba imbabazi “kw’ikosa iryo ari ryo ryose rikomeye”.
Kardinali Reinhard Marx, musenyeri mukuru wa Munich muri kino gihe, avuga ko yabonanye na Benoit muri Nyakanga (9) kandi ko yasavye abakirisu kumwibuka mu bisabisho vyabo.
N’aho Benoit ari we mu Papa wa mbere yatanze imihoho mu myaka 600, Papa Francis, mu kiganiro yagize mu ki-espagnole muri kuno kwezi, yaratomoye neza ko na we nyene yateye igikumu kw’ikete ryo gutanga imihoho mu 2013 “mu gihe hoba ingorane z’amagara canke ibindi”, aca ariha Kardinali Bertone, umunyamabanga mukuru yari ajejwe imigenderanire ya Vaticano ico gihe.










