Isengesho ry'umukobwa wa Ruto ngo aronke umugabo ryatwengeje abanya-Kenya

Ahavuye isanamu, Smachs Foundation/Twitter
Amasengesho yatuwe Imana ngo ihe umugabo Charlene Ruto, umukobwa wa perezida wa Kenya, yatumye havugwa vyinshi ku mbuga hwaniro zo mu gihugu.
Charlene Ruto yari mu bandi bantu ibihumbi bari mu gikorane c'amasengesho cari kiremeshejwe n'umuvugabutumwa w'umunyamerika Benny Hinn mu mpera z'indwi ku murwa mukuru, Nairobi.
Perezida Ruto n'umugore wiwe, hamwe n'icegera c'umukuru w'igihugu Rigathi Gachagua n'umugore wiwe, Dorcas, niho bari.
Mu gihe umuvugabutumwa yari asavye abafise ivyo basaba Imana ngo baje imbere, umukobwa w'umukuru w'igihugu yarahagurutse, yifuza ko basengera umuhamagaro avuga ko afise ku bakiri bato.
Umuvugabutumwa yaramusengeye hanyuma amubaza ko ata kindi kintu cihariye yifuza gusaba. Aca aramwongorera mu gutwi imbere y'uko abandanya gusenga:
''Muhe umugabo azomufasha gushira mu bikorwa uwo muhamagaro. Mukama murungikire uwo musore, kugira azomubere inkomezi, uwo azokwishimikiza akomeye,'' niko Benny Hinn yasenze.
''Ntashobora kubikora wenyene. Mukama, agiye ku rugamba rwo kurokora imitima...akeneye umugabo vuba.''
Aya masengesho yo kuronka umugabo yatumye abanya-Kenya bavuga ibitari bike -bamwe bamunegura, abandi barungika ubutumwa bw'uko bifuza kumubera umugabo, abandi bamushinyaguriza.
''Jewe nitwa Omwamba, umuntu yisumamwo, nkaba ndakwandikiye aho mboneye ko wifuza cane kuronka umugabo mu masengesho warimwo na Pasiteri Benny Hinn.
''Narakozweko cane no kuba wavuze ikiri ku mutima hamwe n'ukwemera werekanye ejo, none Imana yakundungitseko,'' niko umunya-Kenya umwe yanditse kuri X, yahoze ari Twitter.
Bamwe baramushigikiye bati: ''Nta kibi na kimwe kirimwo kuba Charlene Ruto yasavye Benny Hinn ngo amusengere aronke umugabo mwiza. Ukwubaka ni ibanga,'' niko uwundi munya-Kenya yavuze.












