Kenya: “Nasavye ko bica jewe mu kibanza c’umwana wanje”

Insiguro ya video, Stephen, umuhungu wa Dorothy, yari uwicirwa muri Saudi Arabia italiki 15-05-2024.
Kenya: “Nasavye ko bica jewe mu kibanza c’umwana wanje”
Yatangajwe

Dorothy ni nyina wa Stephen yaciriwe urubanza rwo kwicwa muri Arabia Saoudite, kuko yishe umuntu.

Mu vyo ubutungane bushingiye kuri Islam, ‘Shariah, iyo uwishe uwundi atanga ‘amahera y’amaraso’, ‘diyah’, yishura ayangana n'igiciro c'ingamiya 100.

Ariko iyo indishi yaciye m’umwumvikano, ico giciro kirahinduka, bivanye nk’uko uwishwe afise ibimwongerereza agaciro [uwize vyinshi, nk’akarorero].

Imanza 172 z’abaraciriwe urubanza rwo kwicwa zarakurikijwe muri Saudi Arabia, mu 2023.

Stephen, umuhungu wa Dorothy, yari uwicirwa muri Saudi Arabia italiki 15-05-2024.
Insiguro y'isanamu, Stephen, umuhungu wa Dorothy, yari uwicirwa muri Saudi Arabia italiki 15-05-2024.