Ivyemezo ku ma ‘drones’ ya Iran akoreshwa mu ntambara za Sudan
Ivyemezo ku ma ‘drones’ ya Iran akoreshwa mu ntambara za Sudan
Yatangajwe
Itohoza rya BBC, igisata c’Abarabu riragaragaza uko igisoda ca Sudan -SAF- n’umugwi wa gisirikare RSF bagwana, bakoresha utudege ‘drones’ two muri Iran, n’utuva muri UAE.
Iryo koreshwa ry’ibigwanisho riza rirenga ku ngingo ya ONU yo kubuza ikwiragizwa ry’ibigwanisho muri Sudan.
Amasanamu y’ibigendajuru aravyemeza naho abavugwa muri izo ntambara bo babihakana.




