Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Lewandowski, Lingard, De Ligt, Firmino, Kimpembe

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukinyi w’inyuma wa PSG umufaransa Presnel Kimpembe w’imyaka 26 aracaronderwa na Chelsea mu gihe uyo murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubufaransa Ligue 1 uri kw’isoko urondera uwundi mukinyi w’inyuma. (Goal)
Chelsea iriko iratera intambwe mu biganiro vyo kurondera Matthijs de Ligt w’imyaka 22, ariko Juventus ishaka ko bafatira ku ngingo ivuga ko uwukeneye uyu munya-Hollande ategerezwa kuriha imiriyoni 102 z’amapawundi. (Telegraph)
Juventus iripfuza umusatirizi w’umudagi Timo Werner Chelsea ishaka gutanga mu masezerano yo kurondera De Ligt ariko iyi mirwi yompi ntirumvikana ku giciro. (Mail)
Barcelona iriteguye gutanga amafaranga agera ku miriyoni 60 z’amapawundi ku mukinyi wo ku ruhande wa Leeds United, Raphinha, kugira ngo irabe ko yokubita hasi Chelsea mu rugamba rwo kurwanira uyu munya-Brezili w’imyaka 25. (Times)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Manchester City ishobora kugurisha umukinyi w’inyuma wayo Nathan Ake w’imyaka 27 mu gihe honyene hoboneka uwushobora kumusubirira, ni mu gihe uyu munya-Hollande avugwa ko ashobora gusubira muri Chelsea yahoze akinira. (Manchester Evening News)
Tottenham iri mu biganiro bigeze kure kugira irabe ko yogura umwongereza akina inyuma ku ruhande rw’i buryo Djed Spence w’imyaka 21 asanzwe akinira Middlesbrough, ku giciro c’imiriyoni 15 z’amapawundi yongere itange n’uturusho. (Sky Sports)
Juventus irashaka amasezerano yo kuguza umukinyi wayo wo hagati umufaransa Adrien Rabiot w’imyaka 27 n’umusatirizi wa Liverpool umunya-Brezili Roberto Firmino w’imyaka 30. (Calciomercato – mu gitaliyano)
Umusatirizi wa Espagne Alvaro Morata avugwa ko aronderwa na Arsenal, agiye gusubira muri Atletico Madrid inyuma y’aho Juventus ifatiye ingingo yo kutagumana burundu uyu mukinyi w’imyaka 29 inyuma y’umwaka yari amaze akina muri uyu murwi w’ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A yari yaratijijwemwo. (Goal)
Arsenal yatanze igifovya c’amafaranga angana n’imiriyoni 38 z’amapawundi kugira irabe ko yoronka umukinyi w’inyuma w’umunya-Argentina Lisandro Martinez w’imyaka 24 ariko umurwi wiwe Ajax wabateye akagere. Uyu murwi wo muri Hollande umushakako imiriyoni 43 z’amapawundi, Manchester United ikaba ishobora guca yongereza umurindi kugira ngo irabe ko yoshobora kumutahukana mu mpera z’iyi ndwi. (Mail)

Ahavuye isanamu, AFP
West Ham yongereje inguvu mu rugamba rwo kurondera umwongereza Jesse Lingard w’imyaka 29 ataco irinze gutanga, ariko ishobora kubanza gusaba uyu musatirizi yahoze akinira Manchester United kubanza kwemera kugabanya umushahara asaba. (Guardian)
Wolves yatsinze urugamba yarimwo irondera kugumana umukinyi wo hagati wa Portugal Ruben Neves w’imyaka 25, mu gihe imirwi yahora imurondera yagumanye amadidane ku giciro gisabwa c’imiriyoni 75 z’amapawundi. (Sun)
Umukinyi wo hagati wa Leeds United umwongereza Kalvin Phillips w’imyaka 26, yitezwe gufatwa ibipimo vyo kwa muganga muri Manchester City kuri uyu wa gatanu imbere y’uko yimukira muri uyu murwi watahukanye ihiganwa rya Premier League ku miriyoni 45 z’amapawundi. (Sky Sports)
Manchester United yahambije Newcastle mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma w’umufaransa Benoit Badiashile w’imyaka 21 asanzwe akinira Monaco, ku giciro c’imiriyoni 50 z’amapawundi. (Nice-Matin – mu gifaransa)
Umunyegori wa Argentina Sergio Romero w’imyaka 35 aripfuza gusubira muri Manchester United – haciye umwaka umwe gusa ayivuyemwo akimukira muri Venezia yo muri Serie A mu Butaliyano. (Manchester Evening News)
Umukinyi wo hagati wa Manchester United umunya-Brezili Andreas Pereira w’imyaka 26 yipfuza kwigumira burundu muri Flamengo asanzwe yaratijijwemwo n’aho imirwi ya Fulham na Crystal Palace imurondera. (Goal)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Nottingham Forest iri mu biganiro na Manchester City kugira irabe ko yoronka umukinyi w’inyuma wa Burkina Faso Issa Kabore w’imyaka 21. (Guardian)
Newcastle iriteguye kugura umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu w’umwongereza akina mu bakiri bato Jordan Hackett w’imyaka 18, inyuma y’aho aherewe uruhusha rwo kuva muri Tottenham. (Sun)
Bayern Munich yanse igiciro kigira gatatu catanzwe na Barcelona ku musatirizi wa Pologne Robert Lewandowski w’imyaka 33, uyo murwi watahukanye ihiganwa ryo mu Budagi ukaba umushakako imiriyoni 43 z’amapawundi. (Bild – mu kidagi)
Umukinyi wo hagati wa Watford umufaransa Moussa Sissoko ari hafi yo kwimukira mu murwi wo mu Bufaransa Nantes ku miriyoni 1,8 z’amapawundi. (Mail)









