Guterres wa ONU aranegurwa cane ku vyo yavuze ku gitero ca Hamas kuri Israel

Ahavuye isanamu, EPA
Mw’ijoro ku wa kabiri haradutse icuka kibi i New York, mu gihe inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw’isi yari ikoranye kugira ngo ivugane ku ntambara hagati ya Israel na Gaza.
Mw’iyo nama, umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yavuze ko ibitero vya Hamas ku wa 07 Gitugutu vyahitanye abantu barenga 1400 ''bitaje nk'icaduka'', aha akaba yashaka kuvuga “imyaka 56 iheze” Israel yihagiye ubutaka bw’Abanya-Palestina.
Aya majambo yatumye umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire, Eli Cohen, yishurana uburakari, avuga ko ata “gituma na kimwe cosigura ubwicanyi nk’ubu”.
“Wewe uba ku yihe si?”, niko Cohen yabajije Guterres – mu nyuma ahava avuga ko yari guhagarika umubonano wiwe n’uyu munyamabanga mukuru wa ONU.
Gilad Erdan aserukira Israel muri ONU yasavye Guterres gutanga imihoho, avuga ko adakwiriye “kurongora ONU”.
Umushikiranganji wa mbere wa Israel yanse kwitaba terefone ya Guterres
Abandanya avuga ku munyamabanga mukuru wa ONU, Erdan yavuze ko ''bitatewe n’ubusa'' kubona Antonio Guterres ataraja muri Israel kuva intanbara itanguye.
Guterres yasavye incuro zibiri kuvugana n’umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu kuva itariki 7 Gitugutu -ariko Netanyahu ''yaranse kumwitaba'', niko Erdan yavuze.
Erdan yavuze kandi ko amashami ya ONU yatumye haba ''ishusho itari yo'' y’ibiriko biraba ku rubuga, mu kwemera ibivugwa kuri Gaza n’ubwo ''uwo ari we wese azi'' ko [iyo ntara] igenzurwa na Hamas.
Yavuze ko intambwe ikurikira ari ukwirukana muri Israel ''abategetsi ba ONU'' berekana ishusho itari yo y’ibiriko biraba.
Ubwongereza, Ubudagi, Yad Vashem navyo biranegura ivyavuzwe na Guterres
Umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza Rishi Sunak nawe yiyamirije amajambo yakoreshejwe n’umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres.
''Birumvikana ko tutemera uko gusigura ibintu gutyo'', niko umuvugizi wa Sunak yavuze.
''Turatomora ko hataba kandi hadashobora kuba icosigura igitero bunyamaswa c’iterabwoba ca Hamas cavuye ku rwanko no ku vyiyumviro ngenderwako [vy’uwo muhari]’’.
Hagati aho, umuvugizi wa reta y’Ubudagi yavuze ko iyo reta ata cizere ifitiye Guterres ifatiye kuri ayo majambo yavuze.
Yad Vashem, Ikigo co kwibuka Holocaust [Ihonyabwoko ry’Abayahudi] gikorera Jerusalem caneguye amajambo ya Guterres.
Mw’itangazo , umkuru w’ico kigo yavuze ati:
''Iyicwa ry’Abayahudi ku wa 7 Gitugutu yari jenocide mu ntumbero n’ubunyamaswa mu ngiro. Kimwe mu gituma ridasa na Holocaust ni nuko ubu Abayahudi bafise igihugu n’igisirikare. Ntitukiri abantu badashora kwivuna bari mu minwe y’abandi''.
Yongeyeko ati: ''Ivyabaye ni nko gutanga ikibazo ku barongoye isi bahora bagendera ikigo co kwibuka ca Yad Vashem bakagenda bemeye ngo ''Ntibikabe kandi'' – amajambo ajana no kubuza ko hokwongera kuba Holocaust [ihonyabwoko].
''Abarondera kubitahura, barondera icotuma vyumvikana, ntibiyamirize ata guca irya n’ino ababikoze, kandi ntibasabe ko abagizwe imbohe barekurwa ata gisabwe -baba bananiwe ico kibazo. Umunyamabanga mukuru wa ONU Antonio Guterres yananiwe ico kibazo''.
Guterres ntaco aravuga mu buryo butaziguye ariko ku wa gatatu, yagarutse kuri amwe mu majambo yavuze mw’ijambo ryiwe ryo ku wa kabiri, aca ashira kuri X (yahoze ari Twitter) :
''Ibibabaje Abanya-Palestina ntibishobora gusigura ibitero biteye ubwoba vya Hamas. Ivyo bitero vy’agahomerabunwa ntibishobora gusigura igihano c’ikivunga ku banya-Palestina bose''.
Israel ubu ivuga ko igiye kwima abategetsi ba ONU uburenganzira bwo kwinjira muri iki gihugu, Erdan akaba yabwiye iradiyo yo muri Israel ko Martin Griffiths, icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU ajejwe ivy’ubutabazi, yamaze kwimwa viza (visa).
Erdan ati: “Ubu harageze ko tubaha icigwa”.
Mu yandi makuru
Ni mu gihe Israel ibandanya ibitero vyayo kuri Gaza, aho reta ya Hamas ivuga ko abantu nibura 80 baraye bishwe mu bitero vy’iki gihugu mw’ijoro ryakeye.
Itangazo ry’ibiro vya reta bijejwe kumenyesha amakuru rivuga ko “abantu barenga 80” bishwe abandi nabo “baharurwa mu majana barakomereka” mu bitero vyo mu kirere vya Israel, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Israel irabandanya n’ibitero vyayo vy’urutavanako ku muhari Hamas muri Gaza kuva abarwanyi bawo bakoze igitero kuri Israel ku wa 07 Gitugutu (10), bakica abantu barenga 1400.
Ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y’abantu bumenyesha ko abantu barenga 5800 gushika ubu bamaze kwicwa kuva ico gihe.
Israel ivuga ko ibitero vyo mu kirere biheruka vyagemye imyobo n’ivyicaro vya Hamas

Ahavuye isanamu, Reuters
Inyuma y’aho reta ya Hamas itangarije ko abantu 80 baraye bishwe mu bitero vyo mw’ijoro ryakeye, igisirikare ca Israel (IDF) cemeza ko cakoze ibitero vyinshi muri aka gace, vyagemye “inyubakwa za Hamas”.
IDF ivuga ko amayira yo mu kuzimu, ububiko bw’ibirwanisho hamwe n’ibiro bikuru vy’igisirikare vyasambuwe.
Ejo ku wa kabiri, IDF yari yatangaje ko yari yaraye ikubise ibibanza nibura 400, imbere y’aho naho ikaba yari yakubise ibibanza 320. Ntiratanga ibitigiri vy’ivyo yaraye ikubise mw’ijoro ryakeye.
Ni mu gihe ishirahamwe ONU rivuga ko ica gatatu c’ibitaro vyaryo hamwe kandi na hafi bibiri vya bitatu vy’amavuriro muri Gaza vyamaze kwugara kubera ivyononekaye muri ino ntambara be n’ubukene bw’igitoro.
IDF: Hamas yashinze amabariyeri yo gutangira abanya-Gaza bahunga, ni co gituma twayiteye
Umuvugizi w’igisirikare ca Israel Daniel Hagari yagiriza Hamas ko yashinze amabariyeri yo gutangira abanyagihugu bo mu buraruko bwa Gaza kugira ntibahungire mu bumanuko nk’uko babisabwe na Israel.
Hagari avuga ko Israel yakubise aya mabariyeri mw’ijoro ryakeye “kugira ngo abanyagihugu bashobore guhunga”.
Mw’ijambo yavugiye imbere y’abanyamakuru, Hagari yari afise ubutumwa ku banyagihugu bo mu buraruko bwa Gaza – avuga ko Hamas n’abategetsi bayo “bariko barabakoresha, bariko bakoresha amazu yanyu, amashure yanyu, ibitaro vyanyu, imyobo iri musi y’amazu yanyu, hafi y’amashure n’ibitaro, niho binyegeza”.
Israel yagabishije abantu baba mu buraruko bwa Gaza ibasaba kwimukira mu bumanuko. Ariko ibitero ku turere two mu bumanuko, harimwo n’igisagara ca Khan Younis, birabandanya.
Hagari yabajijwe kandi nimba IDF yoba iriko irategura igitero kuri Iran.
Yishuye ko Iran iriko "irateza umutekano muke mu Buseruko bwo hagati”, rero “ni ngombwa ko tuguma turikanuye igihe cose” – ariko akavuga ko ubu ikibaraje ishinga ari intambara yo muri Gaza.
Mu mafoto: Inyuma y’ibitero vya Israel vyo mu kirere kuri Gaza
Aya mafoto yerekana ivyaraye vyononekariye mu bitero mu gisagara ca Khan Younis kiri mu bumanuko bwa Gaza, inyuma y’irindi joro ryaranzwe n’ibitero vyo mu kirere vya Israel.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters









