Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Messi, Kimpembe, Traore, Neymar, Lingard, De Ligt

messi

Ahavuye isanamu, PA Media

Insiguro y'isanamu, messi
Yatangajwe

Paris St-Germain yavuganye n’umusatirizi wa Argentina Lionel Messi w’imyaka 35 mu ntumbero yo kurondera ko yozotera igikumu ku masezerano mashasha y’umwaka umwe maze akaguma muri uno murwi gushika mu 2024. (Marca)

Umusatirizi wa Manchester United  umunya-Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37, yemerewe umushahara w’imiriyoni 300 z’ama euro kugira aje gukinira umurwi wo muri Arabia Saoudite mu kiringo c’imyaka ibiri y’inkino. (TVI na CNN Portuguesa ziciye kuri AS – muki espagnol)

Ajax yemeye ko yatsinzwe mu rugamba rwo kurondera kuzibira Martinez ngo ntagende muri rino ci – ariko uno murwi wo muri Hollande umushakako imiriyoni 46 z’amapawundi. (Times)

Chelsea iriko irarondera umukinyi w’inyuma wa Paris St-Germain umufaransa Presnel Kimpembe w’imyaka 26, inyuma yo kwemeranya na Napoli ku giciro c’umukinyi w’inyuma wa Senegal Kalidou Koulibaly w’imyaka 31. (Guardian)

Umukinyi wo ku ruhande, umudagi Serge Gnabry araronderwa na Chelsea ariko uyu mukinyi w’imyaka 27 ari hafi yo gutera igikumu ku masezerano mashasha muri Bayern Munich. (Kicker iciye kuri Mail)

Serge Gnabry

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Serge Gnabry

Everton  yabwiwe na Wolves ko ishobora kwemera imiriyoni cumi z’amapawundi ku mukinyi wo ku ruhande  Adama Traore w’imyaka 26, muri rino ci. (Football Insider)

Umukinyi w’inyuma wa Hollande Matthijs de Ligt w’imyaka 22 ariteguye kwemera kugabanirizwa umushahara kugira yinjire muri Bayern Munich avuye muri Juventus. (Bild – mu kidagi)

Barcelona iriteguye kwongereza amafaranga gushika ku miriyoni 50 z’ama euros ku musatirizi wa Bayern Munich umunya-Pologne Robert Lewandowski w’imyaka 33. (£42m). (Bild – mu kidagi)

Manchester City iriko irakurikiranira hagufi ikibazo c’umufaransa Jules Kounde w’imyaka 23 akina inyuma muri Sevilla, mu gihe iriko irondera abashobora  gusubirira umunya-Hollande Nathan Ake w’imyaka 27, ashobora kwimukira muri  Chelsea. Barcelona nayo nyene iripfuza Kounde. (Mail)

Nathan Ake

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Nathan Ake
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Leeds United iracarindiriye inyishu iva muri Club Brugge inyuma yo kuyisaba umusatirizi w’umubirigi Charles de Ketelaere. Ariko uyu mukinyi w’imyaka 21 ashobora guhitamwo kuja muri AC Milan, na yo nyene ikaba isanzwe iri mu biganiro n’uyu murwi wo mu Bubirigi. (Fabrizio Romano - Twitter)

AC Milan yemeye gutanga imiriyoni 30 z’ama euro kuri De Ketelaere, ariko Leeds yoyo yemeye kumutangako imiriyoni 37 z’ama euros. (Calciomercato)

Leeds iripfuza kwakira umukinyi wo hagati wa Espagne Juan Mata w’imyaka 34, ubu yigenga inyuma yo kuva muri Manchester United mu mpera z’umwaka w’inkino urangiye. (AS – mu ki espagnol)

Umukinyi wo hagati wa Chelsea umwongereza Mason Mount w’imyaka 23, arashaka ko ibiganiro bitangura ku masezerano mashasha y’igihe kirekire. (Athletic)

Umusatirizi wa Brezili Neymar w’imyaka 30, ntiyipfuza kuva muri Paris St-Germain muri rino ci, n’aho hari amakuru avuga ko ashobora kuva muri uno murwi wo ku mugwa mukuru w’Ubufaransa. (Goal)

Neymar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Neymar

Bitegekanijwe ko umukinyi wo ku ruhande, umufaransa Ousmane Dembele w’imyaka 25, atera igikumu ku masezerano mashasha y’imyaka ibiri muri  Barcelona inyuma y’aho ayari ahasanzwe arangiriye. (Sport – mu ki espagnol)

Arsenal iriko iradindiza ivyo kugenda kwa Lucas Torreira inyuma y’aho uyu munya-Uruguay w’imyaka 26 akina hagati yemereye kwimukira muri Valencia. (Sport 890 iciye kuri Mirror)

Umurwi uherutse kwimukira mu cicaro ca mbere c’ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A, Monza, iripfuza kuzana umusatirizi wa Uruguay  Edinson Cavani  w’imyaka 35 inyuma yo kuva muri Manchester United amasezerano yiwe arangiye. (Sky Sport Italia via Mail)

Manchester City yemeye kuzana umukinyi wo hagati Emilio Lawrence asanzwe ari muri Everton. Uyu munya-Ecosse w’imyaka 16 ariko kandi arakurikiranirwa hagufi na Manchester United hamwe na  Chelsea. (Football Insider)