Kenya 2022: Ibibazo ku vyagiriji ko habaye ubusuma bw'amatora hakoreshejwe inyabwonko

Ivyagiriji vy'umuntu agwanya igiturire muri Kenya, John Githongo, vyo gushigikira ivyo Raila Odinga avuga ko habaye ubusuma mu vyuma biharura amajwi kugira bamwime intsinzi bisa n'ivyari vyerekanywe mu 2017.
Mu myaka itanu iheze, Odinga kandi yari yahakanye ivyavuye mu matora, aranitwara muri sentare ntahinyuzwa kugira asubirwemwo.
Impapuro nyinshi zo mu 2017 zerekana ivyabaye - izina ry'ubuhinga ku nyabwonko - bigaragara ko bisa n'ibiri ku kirego c'ubu, itariki gusa ni zo zahinduwe.
Ifoto zerekanywe na Githongo bivugwa ko zatanzwe n'umuntu atashatse kumenyekana, ziri muzifise itariki zo mu kwezi kw'umunani uyu mwaka, zisa n'izo mu 2017.
Ikindi hari kandi amakosa agaragara ku buryo bworoshe, nk'akarorero, amasaha nka 16:54:30 (isaha cumi n'iminota mirongo itanu n'ine n'amasegunda mirongo itatu) ku mugoroba mu nyandiko yo mu 2017, iraboneka nka 6:54:30 (isaha cumi na zibiri n'iminota mirongo itanu n'ine n'amasegunda mirongo itatu) ku mugoroba mu nyandiko yasohotse muri iyi ndwi, aho haburako igiharuro kimwe gitangura.

BBC Reality Check yasanze inyandiko yo mu 2017 yavuye kwa Makau Mutua, ubu ari umuvugizi mu bikorwa vyo kwiyamamaza vya Raila Odinga.
Iyi nkuru irimwo ivyatanzwe na X. Dukeneye uruhusha rwawe imbere yuko bigushikira, kuko birashobora kuba bikoresha cookies hamwe n'ubundi buhinga. Wobanza ugasoma aha X amategeko agenga cookie n'ayagenga ubuzima bwite imbere yuko wemera. Kugira ubibone hitamwo 'emera hanyuma ubandanye'.
Impera ya X ubutumwa
BBC yaravuganye n'ibiro vya Odinga kugira bitange insiguro.
Arahakana ibiharuro vyatumye hatangazwa icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto ko ari we yatsinze amatora yabaye itariki 9 z'ukwezi kw'umunani 2022.






