Dikembe Mutombo: Icamamare muri NBA ariko aravurwa ikivyimba mu bwonko

Yatangajwe

Dikembe Mutombo yatwaye agashimwe ka All-Star muri NBA incuro umunani ariko aravurwa ikivyimba co mu bwonko.

Uwo mukinyi  w’imyaka 56 yavukiye muri Repuburika ye Demolrasi ya Congo (RDC) yamaze imyaka 18 akina mw'ihiganwa rya basketball rya NBA, mu migwi ya Denver Nuggets, Atlanta Hawks na Houston Rockets.

Muri Hawks uwo mukinyi yambara nomero 55 yafashe ikiruhuko c’iza bukuru mu 2015 – uwo mwaka nyene aca yinjizwa muri Hall of Fame [inzu ndangabuzima y‘ivyamamare muri uwo mukino] – mu nyuma Nuggets nabo baca barakurikira.

Itangazo rya NBA rivuga ko "ariko aritabwaho mu buryo bwose bushoboka n’umugwi ufashanya w’abaganga b’abahinga i Atlanta kandi akaba yerekana ko afise ireme ubwo yatanguye kuvurwa."

"Dikembe n‘umuryango wiwe basaba kurekerwa ubuzima bwabo bwite kugira baronke umwanya wo kumwitaho. Barashima cane ibisabisho vyanyu n’ivyifuzo vyiza."

Mutombo wa 2,18m z’uburebure yabonywe igihe yariko ariga kuri kaminuza ya Georgetown.

Ku buhinga bwiwe bwo kuzibira imipira [y’abashaka kwinjiza], yabaye umukinyi wa mbere mu kuzibira imipira muri NBA mu biringo bitanu bikurikirana vy’inkino n’imipira izibiwe mu rukino rumwe mu biringo bitatu bikurikirana.

Yarakinye kandi muri Philadelphia 76ers, New Jersey Nets na New York Knicks hanyuma aza ubugira kabiri ku rutonde rw’abazibiye imipira cane muri NBA mu nkino z’umwuga igihe yafata ikuruhuko c’izabukuru mu 2011.

Hamwe no kuba intumwa (ambassadeur) ya NBA kw’isi, Mutombo yaranakoze ibikorwa vy’ugufasha kuva ahagaritse gukina nk’umwuga. Mu vyo yakoze harimwo guha uburyo ibitaro i Kinshasa, umurwa mukuru wa RDC.