Bishasha mu ntambara muri Gaza: Israel ivuga ko yigaruriye ikirindiro ca Hamas

Ahavuye isanamu, Reuters
Igisirikare ca Israel kivuga ko cigaruriye ikirindiro ca Hamas mu buraruko bwa Gaza, congera kibona ibikoho hamwe n’ibisasu vya misire birasa ibimodoka vy’intambara bidafatwa n’amasasu, ibirwanisho hamwe n’ibikoresho vy’igendereza.
Igisirikare ca Israe kirwanira mu mazi cakubise ibibanza vya Hamas, harimwo “n’ibibanza birimwo ibikoresho vy’ubuhinga bwa none”.
Ingabo za Israel zabonye abarwanyi ba Hamas bari mu nzu iri hafi y’ibitaro Al-Quds muri Gaza – igitero co mu kirere kikaba catumye humvikana “ibiturika bigira kabiri bikomeye”, ibi bigasigura ko hari “ububiko bw’ibirwanisho vya Hamas mu karere gatuwe n’abasivire”, nk’uko Israel ibivuga.
N’aho igisirikare ca Israel kitabivuga, hari amakuru avuga ko mu gisagara ca Khan Younis kiri mu bumanuko bwa Gaza hoba habaye ibitero vyo mu kirere.
Itororokanirizo ry’amakuru AFP risuburamwo abajejwe amagara y’abantu muri Gaza irongowe na Hamas bavuga ko abantu nibura 23 bishwe mu bitero bitandukanye muri Rafah na Khan Younis.
Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu burongowe na Hamas muri Gaza butangaza ko abantu barenga 10.000 ari bo bamaze kwicwa kuva Israel itanguye ibitero vyayo ku wa 07 Gitugutu (10), inyuma y’igitero ca Hamas.
Netanyahu avuga ko Israel izofata mu minwe umutekano wa Gaza inyuma y’intambara

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu avuga ko Israel izofata mu minwe “ikibazo c’umutekano” wa Gaza intambara niyarangira.
Mu kiganiro yagiranye n’imboneshakure ABC yo muri Amerika, Netanyahu yagize ati: “Mu kiringo kitazwi, Israel izofata mu minwe ikibazo c’umutekano wose. Tudafashe mu minwe iki kibazo c’umutekano, tuzoruhira kubona iterabwoba rya Hamas risubiye kwaduka ku rugero tudashobora kwibaza”.
Biragoye kumenya neza na neza ico ashaka kuvuga – ariko bishobora kuba ari ikintu kimeze nko kwigarurira akarere ariko hatarimwo ivyo gushinga inzego z’uturere.
Muri iki kiganiro, yongeyeko kandi ati: "Nta guhagarika intambara kuzobaho muri Gaza abatwawe bunyagano batarekuwe”. Ni mu gihe abatari bake babandanya basaba ko hoba agahenngwe kugira ngo imfashanyo zishobore kwinjira muri Gaza.
Ibirindiro vya Amerika muri Iraq na Syria bimaze guterwa incuro 38 – Pentagon.
Ibirindiro vya Amerika muri Iraq no muri Syria bimaze guterwa incuro 38 kuva hatanguye urukurikirane rw’ibitero ku wa 17 Gitugutu (10), nk’uko Pentagon ihejeje kubimenyesha amasaha make imbere y’aha.
Hafi vyose vyabaye ivya rokete n’amadrone, kandi bikekwa ko vyakozwe n’imihari ishigikiwe na Iran, nk’uko bivugwa n’umuvugizi wa Pentagon Jenerali de Brigade Pat Ryder. Iran ishigikiye Hamas muri Gaza hamwe na Hezbollah muri Liban/ Lebanon.
Abasirikare nibura 45 ba Amerika barakomerekeye muri ibi bitero, harimwo 24 bagize ibibazo vy’ihahamuka.
Ryder avuga ko Amerika ubu ifise intumbero zine mu karere k’Ubuseruko bwo Hagati.
Izi nazo ni: gukingira ingabo za Amerika n’abanyagihugu baba muri aka karere; gushigikira cane Israel mu bijanye n’umutekano mu kwivuna Hamas; gufasha Israel mu kurekuza abanyurujwe; hamwe no gukomeza “igihagararo c’inguvu” mu karere kugira ngo izi indyane ntizihave zikwirakwira ngo zirenge Gaza.
Habaye ukurasana kwambukiranya urubibe rwa Libani na Israel
Amakuru ava mu buraruko bwa Israel avuga ko habaye ukurasana kwambukiranya urubibe mu buraruko bwa Israel.
Igisirikare ca Israel (IDF) kivuga ko mu mwanya uheze ikimodoka c’intambara ca Israel kidafatwa n’amasasu “cateye umurwi w’abarwanyi bakora iterabwoba” muri Libani, kivuga ko “bagerageje kurekura igisasu ca misire kimena ibimodoka vy’intambara” mu karere ka Shatula.
Umuvugizi w’igisirikare Daniel Hagari yavuze ku mbuga hwaniro ati: "Uno musi, ingabo za IDF zateye ikirindiro c’umuhari w’iterabwoba Hezbollah, mu ntumbero yo gukuraho iterabwoba".
Kuva ku wa 07 Gitugutu (10), hakunze kwibonekeza cane ukurasana kwambukiranya imbibe hagati y’uburaruko bwa Israel n’ubumanuko bwa Libani. Imihari ya Hamas na Hezbollah yompi ivuga ko iriko iratera Israel ivuye muri Libani.









