Kenya 2022: Raila Odinga yatoreye ku kigo c'amatora ca Old Kibera

Yatangajwe

Uwuserukira urunani Azimio la Umoja mu matora y'umukuru w'igihugu, Raila Odinga, yatoreye ku kigo c'amatora ca Old Kibera.

Igihe yariko araja kuri ico kigo c'amatora, urukurikirane rw'imodoka ziwe rwahuye n'isinzi ry'abanywanyi biwe bari bamurindiriye.

Raila Odinga yashitse aho atorera inyuma y'isaha zine zo mu gitondo.

Yari kumwe n'umupfasoni wiwe Ida Odinga.

Ahejeje gutora, Raila yahaye ikiganiro abamenyeshamakuru aho yavuze ati " twarakoze ivyo dushoboye, ubu hasigaye aho abanyagihugu".

Yavuze kandi ko yumvise zimwe mu ngorane ziri mu turere tumwe tumwe ku bigo vy'amatora.

Umupfasoni wiwe Ida Odinga na we yavuze ko ari igikorwa anezererewe cane co kimwe n'abandi ba-Kenya kubera ico gikorwa kiba rimwe gusa mu myaka itanu.

BBC ntibazwa ibivuye ku zindi mbuga.

Mu matora rusangi yo kuri uyu wa kabiri hatorwa umukuru w'igihugu, abagize inama nshingamateka b'igihugu, abakuru b'intara, abaserukira abagore hamwe n'abagize inama nshingamateka y'intara.

Uwutavuga rumwe na reta Raila Odinga ashigikiwe na prezida Uhuru Kenyatta be n'icegera c'umukuru w'igihugu William Ruto ni bo bahabwa amahigwe yo gutahukana intsinzi muri bane bitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.