Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Sancho, Osimhen, Toney, Oblak, Slot, Casemiro

Casemiro

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Casemiro
Yatangajwe

Umusatirizi w’Umwongereza Jadon Sancho w’imyaka 24 ntashaka gusubira muri Manchester United igihe ikiringo ciwe c’intizo muri Borussia Dortmund kizoba kirangiye. (Talksport)

Umusatirizi wa Uruguay Darwin Nunez w’imyaka 24 yatumye abatari bake babona ko agiye kuva muri Liverpool mu ci riza mu gufuta amafoto yose ajanye n’igihe amaze muri uno murwi kuri konte yiwe yo ku rubuga rwa Instagram. (90min)

Inter Milan iriteguye kwakira imirwi yoza irondera umukinyi w’inyuma w’Ubuholande Denzel Dumfries w’imyaka 28, asanzwe yipfuza kwimukira muri Manchester United. (La Gazzetta dello Sport – mu gitaliyano)

Chelsea yongereje akariro mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Ukraine Georgiy Sudakov w’imyaka 21 asanzwe akinira Shakhtar Donetsk ikaba imuronderako imiriyoni 65 z’amapawundi, akaba kandi akurikiranirwa hagufi na Arsenal, Manchester City hamwe na Liverpool. (Mail)

Chelsea irashaka kandi kugura umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 25, umurwi wiwe wa Napoli ukaba umushakako imiriyoni zirenga 100 z’amapawundi. (Sky Italia – mu gitaliyano)

Roma irashaka kugura umusatirizi Romelu Lukaku w’imyaka 30 mu ci riza kugira imugumane burundu, mu gihe asanzwe arabwa ryiza n’imirwi yo muri Arabia Sawudite, kandi Chelsea ikaba yipfuza kugurisha uno Mubirigi ku miriyoni 38 z’amapawundi. (Fabrizio Romano)

Umunyegori wa Atletico Madrid na Slovenia Jan Oblak w’imyaka 31, ni uwundi mukinyi ari ku rutonde rw‘abaronderwa na Chelsea mu ci riza, mu gihe uyo murwi wo muri Espagne wipfuza kwegeranya amahera yo kwiyubaka. (Fichajes – mu ki-Espagnol)

Sudakov Shakthar

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Sudakov Shakthar

Newcastle iriteguye gusubira kuvyura urugamba rwo kurondera Umufaransa Michael Olise w’imyaka 22, Crystal Palace ikaba imushakako imiriyoni 60 z’amapawundi. (Mail)

West Ham na Tottenham iri imbere mu mirwi irondera umusatirizi wa Brentford, Umwongereza Ivan Toney w’imyaka 28, mu ci riza, ino mirwi ikaba yiteguye kurekura imiriyoni 50 z’amapawundi. (Football Transfers)

Umusatirizi wa Suwede, Viktor Gyokeres w’imyaka 25, yanse kwiyemeza kubandanya akinira Sporting Lisbon mu gihe arabwa ryiza na Arsenal. (Standard)

Manchester United iriko iragerageza kurondera umurwi woyigurira umukinyi wo hagati wayo, Umunya-Brezili Casemiro w’imyaka 32, mu ci riza, mu rugamba rwo kurondera kugabanya amahera iriha ku mishahara.. (Teamtalk)

Ivan Toney

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ivan Toney

Sevilla iri mu mirwi itari mike iriko irakurikiranira hagufi umumenyereza wa Leicester City Enzo Maresca w’imyaka 44 inyuma y’aho asubirije aba ba-Foxes muri Premier League. (Mail)

Arne Slot yiteze gusubirira Jurgen Klopp nk’umumenyereza wa Liverpool, ashobora gusubira muri Feyenoord kurondera umukinyi wo hagati w’Ubuholande Mats Wieffer w’imyaka 24, be n’umukinyi w’inyuma w’Ubuholande nyene Lutsharel Geertruida w’imyaka 23. (Football Insider)