Tanzania: Abapolisi n'abasirikare bakwiragiye igihugu cose kugira bazibire imyiyerekano ya 7/7

Abasirikare bo muri Tanzania (ifoto mbarankuru)
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Umutekano wakomejwe cane mu bisagara bikuru bikuru vya Tanzania, aho hagaragara abapolisi n'abasirikare benshi bafise inkoho kandi barikanuye bacunze umutekano.

Bimeze uko mu gihe buca muri iki gihugu haba ihayanisha ry'ubudandaji rikomeye cane rizwi nka 'Saba saba', bikanavugwa ko hari abashobora kwikika mu kiza bakagira imyiyerekano.

Reta ya Tanzania igabisha ko izofatira ingingo ruhasha umuntu wese yohirahira agahamagarira abantu mu migumuko canke agateza intureka ku wa 7 Mukakaro (7).

Abo bapolisi n'abasirikare babonetse ari benshi mu bibanza bitandukanye, harimwo ku masanganzira y'amabarabara no mu mabarabara yo mu gisagara c'ubudandaji ca Dar es Salaam, no mu bindi bisagara.

Bamwe n'abandi babona ko gukwiragiza inzego z'umutekano mu duce twose tw'igihugu atari ikintu gisanzwe, bakemeza ko ari umukenyuro ufise intumbero yo kuburizamwo imyiyerekano itegekanijwe ejo ku wa kabiri.

Mu minsi iheze, ku mbuga ngurukanabumenyi, abaharanira agateka ka zina muntu bagiye bahamagarira abantu kwitabira imyiyerekano yo ku wa kabiri, bagasaba ko hobaho umwidegemvyo wa politike n'uko abategetsi bobazwa ivyo bakora, inyuma y'ubwicanyi bwabaye mu gihe c'amatora rusangi yo mu mwaka wa 2025.

Imyiyerekano bivugwa ko iriko irategurwa ivuzwe mu gihe reta ya Tanzania yemeza ko ifise amakuru y'igendereza yerekana ko hari abantu bariko barategura kugirira nabi bamwe mu bategetsi, abanyagihugu, hamwe no kwonona imitungo y'abantu.

Ku wa kabiri, ni umusi mukuru w'igihugu wahariwe ihayanisha gurisha mpuzamakungu ry'ubudandaji rya Dar es Salaam, rizwi cane kw'izina rya 'Saba saba', rikaba riri mu mahayanisha akomeye kandi ahambaye kuruta ayandi muri Tanzania.

Ku wa 26 Ruheshi (6), Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati bwa Tanzania bwafashe ingingo yo guhagarika amakoraniro yose y'imigambwe abera ku mugaragaro, aho bwasiguye ko ari ingingo ifashwe ku mvo z'umutekano.

Imigambwe y'abatavuga rumwe na reta yarateye ivyatsi iyo ngingo. Ibona ko inyuranye n'amategeko ikanahonyanga uburenganzira abanyagihugu bahabwa n'ibwirizwa nshingiro.

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati, Patrobas Katambi, yavuze ko guhagarika ayo makoraniro n'inama vya politike ari ingingo y'igihe gito igamije gufasha inzego z'umutekano no kuziha umwanya wo kurondera no gufata abantu bikekwa ko bariko bategura akajagari.

Yashimangiye ko ibikorwa vya politike bisanzwe bizosubira gukorwa inyuma y'uko ibibazo vy'umutekano bizoba vyatorewe inyishu.

Katambi yavuze ko iyo ngingo yafashwe inyuma y'uko reta ibonye ko hari ukunyinyurana mu vya politike kwatumye habaho icka kibi n'ubwoba mu gihugu.