Mw'isi havugwa ivya TB Joshua. Yari inde?

Mw'isi havugwa ivya TB Joshua. Yari inde?
Yatangajwe

Ni umwe mu banyamadini b’abatunzi ruhebwa -nko muri Africa -, bo mu kinjana ca 21.

Inguvu ziwe zagaragaye kenshi, no mu bamwunamiye igihe yitaba Imana mu 2021.

Yanakoresha inzego za Nigeria mu kunyegeza amabi yamwagirizwa.

“Twari tuzi ngo turi mw’ijuru, ariko twari m’umuriro”.

Mw’itohoza rya BBC Africa Eye, urusengero rwiwe SCOAN rwavuze ko ibimwagirizwa ata fatiro bifise.