Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igura n'igurishwa ry'abakinyi i Buraya 04.03.2023
Real Madrid iriko irihweza kazoza k'umunye Croatia Luka Modric, 37, n'umudagi w'imyaka 33 bakinana hagati Toni Kroos imbere kurondera umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund Jude Bellingham, 19, yahanuwe kwanka kuja mu mugwi wa Liverpool. (Diario AS - in Spanish)
Real Madrid kandi iriko irarondera umukinyi wo hagati wa Newcastle, umunye Brezil Bruno Guimaraes, 25, mu kiringo gisigaye muri uyu mwaka wa 2022-2023 mu gihe itoronka Bellingham. (Mundo Deportivo - in Spanish)
Liverpool iri mbere mu kurondera umukinyi wo hagati wa Chelsea n'umugwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Mason Mount, muri iri ci, mu gihe uwo mukinyi w'imyaka 24 atokwumvikana n'uwo mugwi ku masezerano mashasha. (Mail)
Chelsea yasubiye gutangura gushaka kugura umukinyi w'inyuma wa RB Leipzig, Josko Gvadiol , 21, mu gihe uwo mukinyi mpuzamakungu wa Croatia kandi aronderwa na Manchester City hamwe na Tottenham, bisabwa ko hatangwa imiliyoni 97 z'amapawundi kugira bamurekure, mu masezerano azotangura gushirwa mu bikorwa kuva mu 2024. (Times - subscription required)
Inter Milan bizeye kugura umukinyi Naby Keita, 28, muri uyu mwaka, igihe amasezerano uwo munye Guinee afitaniye na Liverpool azoba arangiye, ubu mbere bakaba baratanguye ibiganiro n'abahagarariye inyungu ziwe. (Gazetta dello Sport -in Italian)
Umukinyi wo hagati wa Lyon, umufaransa Houssem Aouar, 24, yimirije kugiriranira amasezerano na Eintracht Frankfurt ata n'urumeya rutanzwe inyuma yo kwanka kuja muri Manchester United. (Sport1)
Barcelone irashobora kugurisha bamwe mu bakinyi babo bakomeye, mu gihe uwo mugwi uri mu bibazo vy'amafaranga uriko urarondera imiliyoni 178, umukinyi wa Brezil Raphinha, 26, akaba ari muri abo bashobora kugurishwa. (Sun)
Manchester United, Chelsea na Arsenal ni yo migwi iriko irarondera kugura umukinyi wo hagati wa Southampton n'Ububiligi Romeo Lavia, 19. (Mail)
Vyitezwe ko Tottenham igura umukinyi wo hagati wa Bristol City, Alex Scott. Uwo mukinyi mpuzamakungu w'Ubwongereza w'imyaka 19 kandi araronderwa na Crystal Palace hamwe na West Ham. (Sun)
Leicester na Everton bariko barakurikirana umukinyi wo hagati wa Bologna na Scotland, Lewis Ferguson, 23. (Nicolo Schira)
Nottingham Forest barafise ikibazo co kugumana umumenyereza wabo Steve Cooper muri uyu mwaka mu gihe imigwi myinshi yo muri Premier League iriko iramurondera. (Mail)
Ibiganiro biracabandanya hagati ya Manchester United na David de Gea. Amasezerano y'uwo munyegoli, 32, azorangira mu ci, ariko aracipfuza kuguma muri uwo mugwi. (Fabrizio Romano)
Manchester United irabandanya kwumviriza imigwi yo muri Turkia yipfuza umukinyi wayo Mason Greenwood, 21, kw'ideni. Uwo mukinyi yarahagaritswe n'uwo mugwi n'aho yejejwe mu bwononyi yagirijwe mu kwezi kwa kabiri. (Telegraph)
Naple iracizeye kugumana umukinyi wo ku ruhande Georgia Khvicha Kvaratskhelia, 22, n'aho yipfuzwa n'imigwi nka Manchester City, Chelsea, Real Madrid na Barcelone. (90 min)
Fulham barashaka barashaka umukinyi wo ku mpande wo muri Israel Manor Solomo w'imyaka 23 wo mu mugwi wa Shakhtar Donetsk kw'ideni. (Standard)