Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Qatar 2022: Messi, Ronaldo, Mbappé, Neymar n’ibindi bihangange vyiteguriye inkino za 1/4
Na Shamoon Hafez
BBC Sport i Doha
Imirwi umunani gusa niyo isigaye mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose ca 2022 muri Qatar, yose ifise indoto imwe yo guterura igikombe ku wa 18 z’uku kwa cumi na kabiri.
Inyuma y’ihiganwa ryo mu matsinda ryabereyemwo ibitangaza, ubu turi mu nzira y’igikorwa nyaco, igice ca kane gishira ica nyuma kikaba cuzuye abakinyi b’ibihangange.
Itandatu mu mirwi isigaye ni iyigeze gutsindira iri higanwa canke yashitse muri finale – kandi hagati yayo imaze gutsindira iki gikombe incuro cumi.
Ariko gusa ibitangaza vyovyo bishobora gushika, aho Maroc ubu irondera kuba igihugu ca mbere ca Afrika coba gishitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, inyuma yo gushika mu gice ca kane gishira ica nyuma ku ncuro ya mbere muri kahise k’umupira w’amaguru muri ico gihugu.
BBC Sport, igisata ca BBC gikurikirana inkino, irihweza bimwe mu vyitezwe, mu gihe abakinyi barondera kwerekana ubuhinga bwabo muri uru rubuga rw’umupira w’amaguru.
Imirwi umunani ya nyuma itoroshe
Ku wa gatanu: Croatia v Brezili (17:00 mu masaha y’Uburundi n’Urwanda), Ubuholande v Argentina (21:00 mu masaha y’Uburundi n’Urwanda).
Ku wa gatandatu: Maroc v Portugal (17:00 mu masaha y’Uburundi n’Urwanda), Ubwongereza v Ubufaransa (21:00 mu masaha y’Uburundi n’Urwanda).
Kubona ibihugu nk’Ubudagi n’Ububirigi bisezererwa mu nkino z’amatsinda mu buryo butangaje - hamwe n’ugutsindwa kwa Espagne mu gice c’umunani gishira ica nyuma – ni ibintu bizoguma mu mitima y’abantu igihe kirekire kubona ibihugu nk’ibi binanirwa no gushika muri iki gice ca kane gishira ica nyuma.
Lionel Messi na Cristiano Ronaldo ni amazina agaruka cane mu binyamakuru, ariko ibihangange nka Neymar, Harry Kane, Kylian Mbappe na Luka Modric baracahagaze.
Intambara hagati y’Ubwongereza n’Ubufaransa
Ubwongereza n’Uburafansa – igihugu gisanzwe gifise iki gikombe – bigiye guhurira mw’ihiganwa rikomeye ku ncuro ya mbere mu myaka cumi, ikaba ari n’incuro ya mbere mu gice co gukuranamwo.
Iyi mirwi yaheruka guhura muri Euro 2012 mu nkino zo gukuranamwo aho yanganije 1-1, ariko ubwa nyuma iheruka guhura mu gikombe c’isi yose hakaba hari mu 1982.
Bryan Robson yateye ibitsindo bibiri mu rukino Ubwongereza bwatsinze 3-1, ico gihe kizigenza w’Ubufaransa akaba yari igihangange Michel Platini.
Umurwi nserukiragihugu w’Ubwongereza, uzwi nka, Three Lions, ntiwashoboye kubandanya ngo utsindire ihiganwa ry’igikombe c’isi yose uwo mwaka muri Espagne, ariko igihe conyene baherukira kugitwara – ni ukuvuga mu 1966 – umwe mu mirwi batsinze mu rugendo rwabo, kumbure ushobora kuba uwikeka, ni Ubufaransa. Si ikimenyetso kibi.
Hagati aho, bafise igikorwa kitoroshe co guhura n’umusatirizi rutura Mbappé, ari na we ari imbere mu bitsindo muri rino higanwa, aho amaze kwinjiza bitanu, akaba akinana n’umukinyi mugenziwe ari na we amaze kwinjiriza Ubufaransa ibitsindo vyinshi gusumba abandi muri kahise k’umupira w’amaguru muri ico gihugu, Olivier Giroud.
Kizigenza w’Ubwongereza, Kane, ati: "Ku wa gatandatu ntibizoba vyoroshe. Ubufaransa ni umurwi ukomeye, ari na wo ufise igikombe, rero turazi ko uzoba ari umugoroba utoroshe na gato.
"Nibaza ko nimba ushaka gutsindira igikombe c’isi yose, utegerezwa guhura n’imirwi y’ibihangange kw’isi, Ubufaransa rero buri imbere”.
Finale hagati ya Messi na Ronaldo?
Ku wa Mungu, igenekerezo rya 18 Kigarama. Urugamba rutoroshe ku kibuga ca Lusail i Doha. Ibihangange bibiri kw’isi mu gihe cabo bararwanira ubugabo, akaryo kabo ka nyuma ko kurwanira iri teka ry’igikombe c’isi yose. Ubutigu bwageze.
Messi wa Argentina hamwe na Ronaldo wa Portugal bamaze imyaka baterana inkokora umwe wese arondera kwandika amateka.
Muri rino higanwa ryonyene, Messi yinjije igitsindo ku rukino rwiwe rwari rugize 1000 igihe bahura na Australia mu gice c’umunani gishira ica nyuma, mu gihe Ronaldo nawe yabaye umukinyi wa mbere yinjije ibitsindo mu mahinganwa atanu yose y’igikombe c’isi yose.
Bompi baramaze gutsindira igikombe c’amahiganwa ku migabane yabo – Messi yatsindiye Copa America mu mwaka uheze, mu gihe Ronaldo yari yatsindiye ihiganwa rya Bulaya mu 2016 – ariko iki gikombe ca mbere nyamukuru kw’isi kiracari umugani kuri bo.
Ku myaka 35 Messi aboneka ko ari ryo higanwa rya nyuma ry’igikombe c’isi yose kuri we, mu gihe Ronaldo wewe azoba afise imyaka 41 mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose kizokurikira. Aha ata nkeka biraboneka ko ari yo mahirwe ya nyuma kuri bo yo gushobora guterura iki gikombe c’iteka.
Hagati aho, vyabaye ngombwa ko Ronaldo yemera ko yari afise uruhara ruto mu rukino rwa Portugal rw’igice c’umunani gishira ica nyuma - aho yashizwe ku rutonde rw’abagombora, mu gihe uwamutwaye ikibanza Goncalo Ramos w’imyaka 21 yakoze ibintu bidasanzwe mu gutera bitatu wenyene mu rukino rwabo n’Ubuswisi.
Nko mu gihe vyoshika ibi bihangange bigahurira muri finale, ivy’ari vyo vyose n’abatagira aho begamire bogira amero.
None twizere ko impari kuri ‘GOAT’ (impfunyapfunyo ya Greatest Of All Time, twogereranya na ‘Igihangange c’ibihe vyose) zishobora kuba zigiye guhera?
Intambara yo muri Amerika y’ubumanuko?
Imbere y’aho, birashoboka ko turorera urukino ruryoheye ijisho rwo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Mu gihe yompi yorengana Croatia n’Ubuholande uko ikurikirana, urugamba rw’agakura muri Amerika y’Ubumanuko ni rwo rwokurikira hagati ya Brezili na Argentina ku kibuga ca Lusail.
Brezili, igihugu kimaze gutahukana iri higanwa incuro zitanu kandi kikaba ari co gihabwa amahirwe menshi, yarerekanye ubuhinga bwayo mu kwirahira bikomeye Korea y’Epfo, mu gihe Argentina yari ikeneye ubuhinga bwa kizigenza wayo Messi kugira ngo ishire Australia ku ruhande.
Iyi mirwi imaze guhura incuro zine mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yose, ariko ubwa nyuma iheruka guhura hakaba hari mu 1990, igihe igitsindo ca Claudio Caniggia mu minota ya nyuma y’urukino cahaye akaryo Argentina ko kwinjira mu gice ca kane gishira ica nyuma.
Amahirwe yo kuvana iki gikombe i Bulaya ari cane cane mu minwe y’ino mirwi ibiri, Brezili ikaba ari co gihugu ca nyuma kitari ico ku mugabane wa Bulaya giheruka gutsindira iki gikombe, hari mu 2002.
Igihangange Neymar yarakize imvune yo mw’ivi yari yanduye mu rukino rwabo rwa mbere, yongera araninjiza igitsindo mu gice c’umunani gishira ica nyuma na Korea y’Epfo, ubu akaba akeneye igitsindo kimwe gusa kugira ngo anganye n’igihangange Pele ku bitsindo 77 mu murwi nserukiragihugu wa Brezili, uzwi nka Selecao.
Ariko Croatia ya Luka Modric hamwe n’Ubuholande bwa Virgil van Dijk navyo bifise ijambo rikomeye mu kwemeza nimba iki kirori kizoshoboka canke kitazoshoboka.
Ibitangaza vya Bergkamp
Tugiye ku Buholande, uyu murwi wa Louis van Gaal hamwe na Argentina ni abakeba bamenyeranye cane muri rino higanwa, biteze guhura ku ncuro ya gatandatu barwanira itike yo mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Ni isubiramwo rya finale yo mu 1978, aho uyu murwi wo muri Amerika y’Ubumanuko ari wo watahukanye intsinzi, mu gihe urukino rwa nyuma iyi mirwi yaheruka guhuriramwo ari urwabaye mu myaka umunani iheze, Argentina ikaba ari yo yatsinze ku ma penalties.
Ariko kimwe mu bihe ntibagiranwa - atari gusa hagati y’ibi bihugu ariko muri kahise k’igikombe c’isi yose – ni icabaye mu 1998 igihe Dennis Bergkamp yinjiza igitsindo ciza cane cahaye akaryo Ubuholande kubandanya mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
"Dennis Bergkamp, Dennis Bergkamp, Dennis Bergkamp," niko umunyamakuru w’Ubuholande yiha karuru avuga igihe uyu mukinyi yakinira Arsenal yakubita icenga n’ubuhinga bwinshi ku mupira yari ahawe na Frank de Boer, aca aroba Roberto Ayala maze yinjiza igitsindo ciza cane.
None Cody Gakpo arashobora gukora nk’ibi muri kino gihe...?
Umurwi mwiza wa Maroc
Penalty ya Achraf Hakimi muri wa mwanya w’ama penalties ari nayo yahaye intsinzi Maroc kuri Espagne yatewe neza cane, umupira uca neza neza hagati mw’igori aho umunyegori yari avuye, uva mw’igitsindo casarishije abarorerezi mu kibuga ca Education City.
Itsinzi yabo yatumye bashika mu gice ca kane gishira ica nyuma mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi yashimagijwe n’ubwami bw’ico gihugu, aho umumenyereza Walid Regragui yahamagawe kuri terefone n’umwami wa Maroc Mohammed VI urukino ruheze.
Umurwi upanze neza kandi ugoye gutsinda, Maroc ni urutare, ntirigera itsindwa na rimwe muri rino higanwa ry’iki gikombe c’isi yose, ikaba imaze kwinjizwa igitsindo kimwe gusa mu nkino zabo indwi ziheruka.
Maroc kibaye igihugu ca kane c’umugabane wa Afrika gishitse mu gice ca kane gishira ica nyuma, kikaba kiriko kirondera itike yo gushika mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.
Hagati aho, ni ikindi gipimo gikomeye kiyirindiriye imbere y’uyu murwi w’i Bulaya – na rirya Portugal nayo iriko irondera kwandikisha amateka mu kurondera gushika mu gice ca nyuma ku ncuro ya mbere.