Iri babi ryoba rigiye gusubirira impapuro z’isuku muri WC?

Insiguro ya video, Muri WC, abakoresha iri babi mu kwisukura, bavuga ivyiza vyaryo.
Iri babi ryoba rigiye gusubirira impapuro z’isuku muri WC?
Yatangajwe

Ko amababi y’ibiti n’ivyatsi bimwe yoba ari meza akoreshejwe muri WC, ni bimwe abahinga bariko bariga.

Iki catsi citwa ‘Plectranthus barbatus’ cama amababi yoroshe, asanzwe akoreshwa mu kwisukura henshi mw’isi.

Naho hari abatagikoresha k’ukutakimenya canke ku mvo z’abacitirira ‘ubukene’, kiriko kirakwiragizwa kubera akamaro kaco.

Muri WC, abakoresha iri babi mu kwisukura, bavuga ivyiza vyaryo.
Insiguro y'isanamu, Muri WC, abakoresha iri babi mu kwisukura, bavuga ivyiza vyaryo.