Ibinyegezwa m’urudandaza rw’amavuta amota: “Rushobora kuba ruri mu vyasubije m’ubuja abana”

Insiguro ya video, Urudandaza rw’amavuta amota cane yoba arimwo ubucakara?
Ibinyegezwa m’urudandaza rw’amavuta amota: “Rushobora kuba ruri mu vyasubije m’ubuja abana”
Yatangajwe

Itohoza rya BBC Eye ryanyeguruye uko abana bakoreshwa mu mirima y’amashurwe avamwo amavuta amota, bakoreshwa ‘bunyamaswa’.

Abo bana n’abavyeyi babo bakoreshwa ata gikingira amagara n’ubuzima vyabo, no mw’ijoro.

Impembo yabo nt’inashikana $1 k’umurango, bahevye amagara n’amashule vyabo, bakorera urudandazwa rw’ama miliyari y’ama dolari mw’isi.

Ikigo L’Oreal, kimwe mu bindi rurangiranwa, cabwiye BBC ko ibikorerwa mu mirima ata ruhara babifisemwo.

Urudandaza rw’amavuta amota cane yoba arimwo ubucakara?
Insiguro y'isanamu, Urudandaza rw’amavuta amota cane yoba arimwo ubucakara?