Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mu mupira w'amaguru 16.11.2024: Guardiola yafashe ingingo kuri kazoza kiwe muri Man City
Pep Guardiola yafashe ingingo kuri kazoza kiwe muri Manchester City, Manchester United ishaka umukinyi w'umudagi mu gihe imigwi ibiri y'i Londres iriko irarondera umukinyi w'umunya Brezil.
Pep Guardiola, 53, yashitse ku masezerano yo kubandanya amenyereza umugwi wa Manchester City mu kiringo c'umwaka umwe. (Football Insider)
Manchester United iriko iragwanira na Union Berlin kugura umukinyi wo hagati w'umudagi Leon Goretzka, 29, atanezerejwe n'uko amerewe mu mugwi wa Bayern Munich. (Teamtalk)
Ruud van Nistelrooy yasavye kuja mu kibanza c'umumenyereza kigaragara mu mugwi wa Coventry City inyuma y'aho aviriye mu kibanza c'icegera c'umumenyereza mu mugwi wa Manchester United. (Talksport)
Fulham yahambije mukeba wayo Brentford mu kurondera Botafogo hamwe n'umukinyi w'imbere w'umunye Brezil Igor Jesus,23. Newcastle United na Nottingham Forest na bo nyene barabarondera. (TBR)
Juventus iriko irashira ku munzane yihweza ko yogura umukinyi w'inyuma wa Fulham akaba n'umunya Danmark, Joachim Andersen, 28, hamwe n'umukinyi w'inyuma wa Chelsea, umufaransa Benoit Badiashile,23. (La Gazzetta dello Sport)
West Ham ikurikiranira hagufi umukinyi w'inyuma wa Brighton, Tariq Lamptey, 24, bakaba bari mu kibanza ciza co kurusha Everton mu rugamba barimwo bwo kugura uwo mukinyi nserukiragihugu wa Ghana mw'ici riza ata n'urumeya rutanzwe. (Football Insider)
Tottenham na yo iriko irihweza ko yogura Lamptey mu ntumbero yo gukomeza abakinyi b'inyuma b'umumenyereza Ange Postecoglou mu gihe c'igura n'igurishwa ryo mu kwezi kwa mbere. (Teamtalk)
Barcelona iripfuza cane umukinyi wo ku ruhande wa Naple wo muri Georgie Khvicha Kvaratskhelia. Uwo musore w'imyaka 23 afise agaciro ka miriyoni 67 z'amapawundi. (Repubblica, in Italian - subscription needed)
Umudago akina inyuma Mats Hummels, 35, ashobora gusezera mu mupira w'amaguru mu gihe atoshobora kuva mu mugwi wa Roma mu kwezi kwa mbere.(Sky, in German)
Manchester United iremera ko ikeneye gufata ingingo vyihuta ku mukinyi wa Rosenborg, Sverre Nypan niyaba idashaka kunanirwa kuzana uwo mukinyi wo hagati w'imyaka 17 wo muri Norvege. (Givemesport)
Bayern Munich iriko irihweza ko yogura umukinyi w'imbere wa Lille w'umunye Canada Jonathan David. Uwo musore w'imyaka 24 nta masezerano azoba afitaniye n'umugwi n'umwe mu mwaka uza kandi ntanipfuza no gusinya ayandi muri uwo mugwi. (Sky, in German)
Umukinyi wa Bayern Munich w'umunye Canada Alphonso Davies, 24, arazi neza ko Real Madrid yipfuza kwemera ivyo asaba imbere yo kugiriranira amasezerano yibanze mu kurindira itariki 2 z'ukwezi kwa Nzero(1).(Marca)