Amerika: utahure uko Perezida Biden yabwirizwa gusezera

Insiguro ya video, Ku myaka 81, Joe Biden 'yaraze' ukwiyamamaza kwiwe Kamala Harris.
Amerika: utahure uko Perezida Biden yabwirizwa gusezera
Yatangajwe

Mu bamwihweza, bari bamutaziriye ‘umusereretsi’, kubera uko yakunda gutembagara.

Ku myaka yiwe 81, Joe Biden yaheruka kuvuga atebura ko ari umusaza, ko imyaka ishobora kuba intambamyi, ariko ko agishoboye.

Naho nk’abandi ba Perezida bakingirwa ugutandukanye, Perezida Biden yar’amaze kwerekwa n’abamwegereye intambamyi, n’amakenga bifatiye k’ukwihenda kurengeje.

Yahavuye agondozwa, ‘araga’ imyiyamamazo yiwe Kamala Harris, icegera ciwe, ‘umwiraburekazi’ yihaye izina nk’umunyamategeko.

Ku myaka 81, Joe Biden 'yaraze' ukwiyamamaza kwiwe icegera ciwe Kamala Harris.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku myaka 81, Joe Biden 'yaraze' ukwiyamamaza kwiwe Kamala Harris.