Angeline Ndayishimiye yahawe agashimwe na ONU kubera ibikorwa vyiwe

Yatangajwe

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Uburundi yahawe aka gashimwe k’Ishirahamwe ONU, Prix des Nations Unies pour la population/UN Population Award k’umwaka wa 2023 ko gushima ibikorwa akora biciye mu kigo ciwe yise Fondation Bonne Action-Mugiraneza.

Ahejeje kuronswa ako gashimwe i New York muri ONU ejo kuwa gatatu, Angeline Ndayishimiye yagize ati: “Si ukuntera iteka gusa, ariko ni ukuntera intege zo kubandanya ibikorwa nkorera abanyagihugu b’Uburundi cane cane abagore, urwaruka na ba ntahonikora.”

Ako gashimwe gatangwa kuva mu 1981 mu ntumbero yo guha agaciro abagize uruhara rudasanzwe mu gutorera inyishu ibibazo nyamukuru bihanze abanyagihugu hamwe no mu bikorwa vy’iterambere.

Umupfasoni Ndayishimiye yavuze ko mu bikorwa nyamukuru akora harimwo guteza imbere amagara y’abavyeyi n’abana, guteza imbere ibijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza ku miyabaga n’urwaruka, kurwanya ingwara yo kujojota bamwe bita yo mu kigo hamwe no guha urwaruka n’abagore ubushobozi bwo gushobora kwibeshaho.

Ari imbere y'iryo koraniro rya ONU, eka n'abana biwe bari bamuherekejeyo, yagize ati: "Rero ndahimbawe no kwumva ko ibikorwa vyanje vyashoboye kumenyekana hanze y’igihugu canje bigashobora gufasha kwubaka isi nziza”.

Angeline Ndayishimiye yashinze ikigo Fondation Bonne Action-Mugiraneza mu 2019 afise intego nyamukuru yo gufasha ba ntahonikora, guteza imbere amagara y’abantu no kwigisha abana b’igihugu.

Kuri Twitter, umugabo wiwe Perezida Ndayishimiye yanditse ubutumwa bwo gukeza umutambukanyi wiwe aho yagize ati "...Murakaramba!"

Aka gashimwe yagahawe inyuma y’umusi umwe haraye hahimbajwe umusi mpuzamakungu wahariwe abantu kw’isi, aho buri mwaka biga ku bibazo bihanze abantu batuye isi n’akamaro ko gutorera umuti ibibazo bibahanze mw’iterambere rirama.

Bimwe muri ivyo bibazo harimwo igwirirana ry’abantu n’inkurikizi zaryo, iki naco kikaba ari kimwe mu bibazo nyamukuru bihanze ibihugu bitari bike vya Afrika, n’Uburundi vy’umwihariko, aho uno musi bufise imiriyoni 13,2, ku buringanire bwa kirometero kwadarato 27.834.

Umuhinga yabiwiye BBC ko zimwe mu nkurikizi mbi z’igwirirana ry’abantu - igice kinini cabo gitunzwe n’uburimyi n’ubworozi ku butaka buto - ari uko imiryango myinshi nta mwimbu uhagije ikironka.

Jean-Bosco Ndayishimiye arongoye Population Media Centre ati: “Ivyo kurya birakena, ibi bigaca bigira inkurikizi mbi cane ku magara y’abana, ugasanga barwaye kwashi, bakazingama, ntibakure neza, no mu mutwe ibijanye n’ikanguka ry’ubwenge (QI) riri hasi cane”.

Umurindi munini w’igwirirana ry’abantu mu Burundi uri mu bituma nyamukuru igihugu kiguma mu bukene kuko kidashobora kuronka umwimbu ukwiye, nk’uko uwo muhinga abivuga.