Ayavugwa mw'igura n'igurishwa ry'abakinyi i Buraya: Mbappe, Kane, Alonso, Garner, Glasner, Tuchel

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi w'Ubufaransa, Kylian Mbappe, w'imyaka 25, yagiraniye amasezerano na Real Madrid yo gukinira uwo mugwi imyaka itanu, akaba yabwiye Paris St-Germain ko ategerezwa kuva muri uwo mugwi mu ci. (Marca - mu ki-espanyole)
Mbappe yaragiriraniye ibiganiro na Manchester City umusi umwe imbere y'uko amenyesha ko azova muri Paris St-Germain inyuma y'uyu mwaka w'inkino. (Cadena Ser - mu ki-espanyole)
Chelsea iriko irakurikiranira hagufi Harry Kane muri Bayern Munich mu gihe hari inkuru zivuga ko uno musatirizi w'Umwongereza w'imyaka 30 atishimiye kuba muri uwo mugwi. (Football Insider)
Liverpool ifise icizere co kuzana umumenyereza wa Bayer Leverkusen Xabi hamwe n'uwurongoye igisata ca siporo Simon Rolfes gusubirira Jurgen Klopp na Jorg Schmadtke muri iri ci. (Football Insider)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Tottenham irategura kugura umukinyi wo hagati w'Umwongereza w'imyaka 22, James Garner, akinira umugwi wa Everton. (Teamtalk)
Umumenyereza Olover Glasner yashize umukono ku masezerano y'imyaka ibiri n'igice yo gusubirira Roy Hodgson muri Crystal Palace. (Sky Sports)
Ku wa gatandatu, Arsenal yarakurikiranye umukinyi wo hagati wa Bull Salzburg w'umunye Israel, Oscar Gloukh w'imyaka 19. (Football Transfers)
Umumenyereza wa Bayern Munich, Thomas Tuchel ntazirukanwa n'aho atsinzwe ubugira gatatu mu nkino icenda aho yahura na Bochum ku wa Mungu. (Sky Germany)
Umukuru wa Barcelone Joan Laporta yasavye guhabwa inkuru zimbitse ku mumenyereza Roberto de Zerbi mu gihe yipfuza kumusaba kuza gusubirira Xavi mu mpera z'uyu mwaka. (Sport - mu ki-espanyole)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umumenyereza wa Real Madrid Carlo Ancelotti yaravuganye n'umukinyi wo hagati, umunye Croatia Luka Modric w'imyaka 38, mu gihe amasezerano yiwe azoherana n'iri ci, ku kungene atariko ahabwa umwanya wo gukina muri uno mwaka. (90 Min)
Umukinyi w'inyuma wa Birmingham City na Irland, Kevin Long w'imyaka 33 ari hafi yo kwimukira mu mugwi Toronto FC. (Birmingham Mail)










