Kenya: ubu naho, abakwiragiye mu mabarabara bashaka iki?

Insiguro ya video, Bano baririmba indirimbo z'ingwano.
Kenya: ubu naho, abakwiragiye mu mabarabara bashaka iki?
Yatangajwe

Naho Kenya isa nk’iyirimwo agahengwe, ugereranije n’iminsi iheze, abahanganye baracaboneka.

I Nairobi, humvikana abatagishaka Perezida Ruto.

“Nakuze ntinya aba perezida, kandi ari jewe ndabashiraho, nkabakuraho.”

Vyavugwa n’umwe mu bavyeyi yabwiye BBC ko yagarutse mu myiyerekano ku bwo abana biwe.

Eldoret, iyo Perezida Ruto avuka, haboneka abagendana amahiri, bavuga ko badashaka ko ingimba yabonetse k’uwa kabiri i Nairobi, ishikayo.

Nairobi na Eldoret, ntibagwanira bimwe: bano baririmba indirimbo z'ingwano.
Insiguro y'isanamu, Nairobi na Eldoret, ntibagwanira bimwe: bano baririmba indirimbo z'ingwano.