France: Cardinali Ricard ari mu basenyeri 11 bagirizwa guhohotera abana

Yatangajwe

Umu cardinali w’Umufaransa Jean Pierre Ricard yavuzwe izina na Ekleziya Katolika nk’umwe mu basenyeri 11 bagikorera canke bigeze gukorera iryo shengero bagirizwa guhohotera abana

Mw'itangazo, uyo mu cardinali yanditse ko yahohoteye umwana w'umukobwa w’imyaka 14 igihe yari akiri padiri kw'iparuwase haraheze  imyaka mirongo 35, kandi ko ubu ashobora gukura meza mu mabanga yiwe.

Haraciye umwaka, umugwi washinzwe utoye ivyemeza ko hari ibihumbi n'ibihumbi vy'abantu bashurashuza abana, bakorera mw'ishengero Katolika ry'Ubufaransa mu myaka irenga mirongo ibiri.

Uko bagirizwa ari 11 bose barashengejwe mu butungane canke bahabwa ibihano na Ekleziya Katolika.

Ibi vyagiye ahabona mu gihe mu gihe hariko haraba inama y'abepisikopi b'Ubufaransa i Lourdes, mu bumanuko bushira uburengero bw'Ubufaransa.

Musenyeri mukuru Eric de Moulins-Beaufort yabariye abamenyeshamakuru ko muri abo 11 harimwo Musenyeri wa Creteil Michel Santier yagiye mu karuhuko ko muzabukuru mu mwaka uheze inyuma yo kwagirizwa ihohotera rifatiye ku gitsina mu myaka mirongo ibiri iheze.   

Bamwe bariko bakorwako amatohoza ajanye n'ihohotera rifatiye ku gitsina mu gihe abandi bagirizwa kubinuma.

Musenyeri mukuru yasomeye ku mugaragaro ikete rya Cardinali Ricard, aho yavuze ko yitwaye nabi "mu buryo bukwiye guhanwa" ku mwana w'umukobwa w’imyaka 14 kandi ko mu vy’ukuri imyitwarire yiwe yagize ingaruka mbi kandi zitazopfa zibagiwe kuri uwo mwana w'umukobwa.

 Mu gihe ubu ari mu karuhuko k'iza bukuru inyuma y'imyaka 18 ari musenyeri wa Bordeaux, uwo mu cardinali w'imyaka 78 yavuze ko yamusavye ikigongwe kandi asaba n'imbabazi ku bantu bose yababaje.

Musenyeri ahari ubu, Jean Paul James, yavuze ko yifatanije umubabaro n'abakorewe icaha, aca asubira gutera akamo uwo ari we wese yoba yarahohotewe muri iyo diyoseze kubivuga.

 Umukuru w'imana y'abepisikopi yavuze ko kiretse uwo mu Cardinali na Michel Santier, abasenyeri batandatu bagirijwe n'ubutungane canke ishengero kandi ko umwe aza yaramaze gupfa.

Yongeyeko ati:"Abandi bahoze ari abasenyeri bariko baragirwako amatohoza n'ubutungane mu gihe uwundi wa gatatu amaze kwitaba abashikirizamanza."

Mu cegeranyo cayo co mu kwezi kwa 10 mu 2021 , akanama kigenga kashizweho na Ekleziya Katolika yo mu Bufaransa kasanze abana ibihumbi 216 barahohotewe kuva mu myaka ya 1950, benshi muri bo bakaba bari abana b’ababahungu bari gahati y’imyaka 10 na 13.

 Umukuru w'ako kanama yavuze ko hari ivyemezo ko hari abakoze ihoterwa bashika 3.200 kandi ko ivyo vyemezo vyarahawe abashikirizamanza mu mice 22 aho ingingo zo gukurikiranwa kuri ivyo vyaha zishobora gufatwa.

Ubufaransa ni kimwe mu bihugu aho ibivugwa ko habaye ihohoterwa rifatiye ku gitsina vyateye vyanyiganyije ishengero ya Ekleziya Katolika.

Mu mwaka uheze, Papa Francis yarahinduye amategeko agenga ishengero Katolika kugira ihohoterwa rifatiye ku gitsina, kwiyegereza abana ugamije kubashurashuza, gutunga ama film y’abana bariko barahuza ibitsina hamwe no gukingiranira ikibaba ku caha c'ihohoterwa, ko ari icaha gihanwa n'amategeko ya Vatikano.

Mu butumwa yatanze imbere y'uko hatangura iyo nama y'abepisikopi i Lourde, Papa yavuze ko ishengero ryo mu Bufaransa ryaguye mu gahundwe kubera ihohoterwa ryakozwe na bamwe mu bungere baryo.

Iyo nama yari ifise intumbero yo guteza imbere uburyo bwo guhanahana amakuru no gukorera mu muco ku mabi y'ihohoterwa ishengero rifisemwo uruhara.