Yitwa 'Coronavirus' akaba rurangiranwa muri dambe, uruniko rwo guterana ingumu rwo muri Nigeria

Insiguro ya video, Dambe ni umukino rwo guterana ingumu wo muri Nigeria rukunzwe henshi kw'isi
Yitwa 'Coronavirus' akaba rurangiranwa muri dambe, uruniko rwo guterana ingumu rwo muri Nigeria
Yatangajwe

Uvuze 'Coronavirus' mu kigwati kimwe co mu ntara ya Kano mu buraruko bwa Nigeria ni bake bomenya ko uriko uravuga indwara.

Kuko iryo zina niryo ryataziriwe umunonotsi rurangiranwa muri ako karere, akina umukino wo guterana ingumu witwa dambe.

Uwo mukino uramaze kumenyekana henshi kw'isi, aho muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika na Brezile urabwa n'amamiliyoni y'abantu kuri internet.